Sat-b yasubiriye kuboneka inyuma yo kunyuruzwa aho yari mu gihugu ca Kenya, nkuko yarungitse ubutumwa bugufi uyu musi mu gatondo , we yamenyesheje ko yacitse kw’icumu aho yari yaranyuruzwe n’abantu atashoboye kutubwira, gusa nubwo we yirinze kubavuga ubu bisa nkaho vyamenyekanye kuko bamwe mubamwegereye bavuga yuko abagira ba mwice ko boba arabaho nyene muri Kenya.
Nkuko ubwo butumwa buvuga, we yatanguye avuga mu ndimi y’icarabu nkuko mw’indini iwabo ry’aba Islam bakoresha cane urwo rurimi , Sat b yagize ati : « I am back alhamdulillah,I am back alhamdulillah» bisigura ngo Imana yabishatse kwagaruka, Murubwo butumwa yarungitse amaze kuva mu menyo y’ingwe yasavye ko twomufasha kumenyesha abakunzi b’ibikorwa vy’umuziki w’Uburundi ko agihumeka kubw’ Imana asenga yasubiye avuga ati: « Imana yabikoze bwira ab’iwacu uti ndacariho ndahumeke umwuka w’abazima nyuma yogucika k’urupfu …
Sat-B akaba yahavuye abona ko ingorane hamwe n’umuntu yuko vyama bigendana aho agiye hose: « Muti ndahari ingorane n’umuntu birajana nokubwirira hano ntiwovyemera, urakoze Mana kungarura mu banje Say Ameen…
Naho Sat-B atatubwiye ido nido ryiyo nyuruzwa ryiwe biraboneka ko yagarukiye kucobo wumvise amajambo yanditse uburemere afise. Sat-b akaba atera ivyatsi abo yahaye inkuru yiryo nyuruzwa ryiwe hama bakayita ngo n’urukurukuru, Iryo nyuruzwa kandi rya Sat-b ryabaye mu gihe ku musi wa gatanu umuririmvyi Kidumu yarafise igiteramo ciwe i Kigali, Sat-B nawe yari mu batumire b’iteka ariko ntiyashobora kucitaba.
Recent Comments