Ibi n’ibintu bidasanzwe ! Umuririmvyi rurangiranwa w’indirimbo zo guhimbaza Imana akundwa n’abantu benshi cane ” Rose Muhando ” kugeza ubu vyunvikana ko yatewe inda y’Indaro aho usanga ngwafata umwanya munini wo kwinyegeza kugirango ntibimenyekane.
Ivyo rero bikaba vyemezwa n’ikinyamakuru kimwe gikorera muri Tanzania ( Global Publishers ) aho bo baganiriye numwe mubasanzwe babana na Rose Muhando bamubaza kuvyerekeye ino nkuru ivugwa kuruno muririmvyi, mukiganiro yabahaye uno muntu yagize ati :
Yaani kugeza ubu ino nkuru ntimwari bwayimenye ? Jewe iminsi yose nari nsanzwe ndabizi kumbure ino yoba ari inkuru kuri mwebwe ariko ino mbanyi Rose Muhando yibungenze imaze iminsi myinshi. ” Nubu kano kanya umubonye uko ameze uca umenya neza ko hari uruyoya yibungenze kuko biraboneka cane.
Ninde Yoba yateye inda Rose Muhando ? Ano makuru nkuko abandanya abivuga ngo uwamuteye iyo nda ni uwusanzwe ari umutamvyi wiwe akunda gutamba mubiteramo akoresha ikindi naco ngo burigihe Rose Muhando yahora yama avuga ko aringombwa yuko azomuvyarira umwana kuko ngw’aramukunda cane bimwe birenze urugero.
Rose Muhando we ubwiwe abivugakwiki ? Aho bamurondera kugirango yemeze nimba koko afise Inda canke ari ububeshi, isimu yiwe bayihamagara ariko ntabwo yitavye ndetse nigihe yandikirwa ubutumwa bugufi bwa SMS ntiyishuye’.
Umwana wa Kane : Nivyemezwa neza ko Rose muhando afise inda, umwana niyavuka azoba agira 4 avyaranye n’abagabo batandukanye naburya kugeza nubu atamugabo afise kuko we burigihe yama avuga ko atiteguye kurongorwa.
Recent Comments