Umuririmvyi rurangiranwa akundwa cane n’abantu benshi ” Rose Muhando ” ngwashobora gufungwa imyaka 7 hamwe icaha yagirizwa co gukorora inda yarasanzwe afise bosanga yagikoze abishaka.
Ivyo rero bikaba vyemezwa n’ikinyamakuru kimwe gikorera muri Tanzania ( Global Publishers ) aho bo bavuga yuko haramakuru baronse yemeza neza ko Rose Muhando yakoroye imbanyi yarasanzwe afise , ngwiyo bigenda neza iyo mbanyi ntayikorore ngo umwana yovutse yobaye uwugira kane avyaranye n’abagabo batandukanye.
Muri Tanzania gukorora inda n’ibintu bihanwa n’amategeko ndetse n’umuganga aba yafashije gukora ico gikorwa nawe nyene arahanwa bimwe bikomeye, uno muririmvyi rero ngo nimba yakoroye ino mbanyi kunvo zuko ubuzima bwiwe bwoba butifashe neza ngo ntakibazo ashobora kugira ariko ngo nimba yayikoroye kubigirankana abishaka ngo ngaho ashobora guhanishwa igifungo gikomeye c’imyaka 7, umuganga nawe yamufashije gutunganya ico gikorwa nawe agahanishwa igifungo c’imyaka 14.
UBM News tubibutse ko ukwo gukorora inda kwuno muririmvyi bindanya vyiyamirizwa n’abakozi b’Imana bo muri Tanzania ndetse abatari bake babandanya batangazwa n’ukuntu Rose muhando aguma akora ibintu bitanezereza Imana n’aburya afatwa nk’umuntu yarakwiye kubera akarorero keza abandi.
Recent Comments