Paul Kagame aratangazwa cane n’ukuntu Petero Nkurunziza ashaka kuguma kubutegetsi

0

Umukuru w’igihugu cu Rwanda ” Paul Kagame yamenyesheje ubwa mbere uko abona ikibazo c’Uburundi aho biboneka ko we bimutangaza cane kukungene Petero Nkurunziza ashaka kuguma kubutegetsi kandi abanyagihugu biwe berekana ko batamukeneye

kagame

Paul Kagame yavuze ko ikibazo c’Uburundi kitajanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ariko ko cerekeye icova muri ico kiringo.Yavuze ko igihe abanyagihugu batagushaka hari iyindi ntambwe uba utegerezwa gushikako.

Paul Kagame akibaza ingene wobwira abanyagihugu ko uzobatwara babishaka canke batabishaka,mu gihe abanyagihugu bawe boba bakubwiye ko batagushaka.