Mu rwandiko ruherutswe gutegurwa n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, uretse y’uko rutagiramwo umugambi n’umwe wokwerekwa abanyagihugu ingene boshike kw’iterambere, ahubwo rwigisha amacakubiri.
Muri urwo rwandiko rwateguwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bubanza, umushingamateka Juvenal Havyarimana, akaba yateguye kwigisha Abagumyabanga, Imbonerakure hamwe n’Abakenyererarugamba ko abakeba babo ari amaradiyo nka RPA, Isanganiro, Bonesha, Renaissance, amashirahamwe amwe amwe ataho yegamiye muri poritike, inani z’imigambwe nka RANAC na ADC Ikibiri hamwe n’ukubamenyesha ibihuza abanyeporitike muvya poritke nka Nditije Karori, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, Minani Yohani n’abandi.
Muri izo nyigisho yanditse mu rurimi rw’ikirundi, Juvenal Havyarimana akaba yakoresheje imvugo z’insaku, imvugo ziteranya, imvugo z’amoko, eka mbere imvugo zibutsa amarushwa abarundi bagiye baracamwo. Uwo mushingamateka akaba yandika ko abakeba vyabataye ku wamazi gushikira ubutegetsi biciye mu ntambara, mu ziherutse kubera mu ntara ya Cibitoke. Aha tukabibutsa ko kugeza n’ubu Reta imenyesha ko itazi umurwi wateye. Muri urwo rwandiko nyene, uwo mushingamateka yibutsa amabi avuga ko abahutu bakorewe n’abatutsi, aho avuga ko ubwoko bw’abatutsi bwiga bwonyene, abahutu bakiga ari bake, ndetse n’uwutoye ikibazo ca Reta ari umuhutu agatabwa mu mashure y’imyuga kugira ntaze ashike muri kaminuza.
Muri urwo rwandiko, umuntu akaba yokwibaza icofasha umunyagihugu azingamitswe n’ubukene butagira izina, inyigisho zimwibutsa amabi abarundi baciyemwo y’amacakubiri, ibivugwa ko abatutsi bakoreye abahutu canke abahutu bakoreye abatutsi, canke amwigisha ibihuje abanyeporitike nk’umushingamateka Nditije Karori, Rwasa Agathon, Sinduhije Alexis, umushingamateka Minani Yohani n’abandi, aho kwigisha umunyagihugu w’i Bubanza uko yoza ararya urufi arwirobeye, n’ukwikura mu buja bw’ubukene bumwugarije.
Mukamenya ko urwo rwandiko rwemerwa n’uwo mushingamateka co kimwe n’umugambwe CNDD FDD muri rusangi. Umushingamateka Juvenal Havyarimana akavuga ko uwobabazwa n’urwo rwandiko yoja kumwitwarira.
Recent Comments