Ushobora kubona ubu bukwe ukagirango ibi ntabwo bibaho ariko muvyukuri vyaraye bibaye ndetse sinabwo bwa mbere bibaye ariko bano bobo ivyo bakoze uwo munsi vyatangaje benshi kuburyo abageni bakoze ubukwe bari gusa ndetse nababaherekeje bahitamwo nabo kwambura impuzu kugirango berekana umunezero bari bafise uwo munsi.
Ubu bukwe bwitabiriye abantu benshi bukaba bwaraye bwubatse amateka kwisi, aho abageni bava iwabo bambaye ubusa bakaja gusezerana imbere y’Imana bambaye ubusa, umukozi w’Imana akabazeseranya bambaye ubusa, bakaja no kwiyakira bambaye ubusa. Ibi vyabereye muri Scotland ariko siho honyene bibereye kuko mu minsi iheze no mu gihugu ca Australia mu Muji wa Melbourne naho vyarahabaye.
Icatangaje cane muri ubu bukwe n’uko n’ababutashe nabo bageze aho bafata icemezo co kwambura impuzu zabo nabo babandanya ibirori bambaye ubusa.
Uwo musi bo bari banezerewe cane nkuko vyaboneka.
Abavuza umuziki nabo bahisemwo gukura impuzu uwo munsi.
Recent Comments