Ikoraniro ryari ritegekanijwe kuba kugira ritature impari zimaze iminsi mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA ntirikibaye nk’uko vyemezwa na bamwe mu badasigana.
Iryo koraniro kaminuza ry’umugambwe wa Rwagasore ryari ryasabwe kugira abasanzwe bari mu rwego rukuru rw’umugambwe (comite central) bakorane, baheze batore umukuru w’umugambwe kuri uyu wa 29 Ruheshi uyu mwaka, rikaba ryasibijwe, imvo rero ikaba itaramenyekana. Ariko mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe n’umushingamateka Karori Nditije, bakavuga ko bipfuza ko iryo koraniro ryoba ry’abagize comite nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009, kugira inzego z’umugambwe zijeho, umugambwe wabo ureke kugumizwa mu maboko y’uwo bavuga ko yagenywe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Mwomenya ko muri UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira batigeze bemera iryo koraniro ryo kuri uyu wa 29, nk’uko uyo mupfasoni yabivuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Concilie Nibigira avuga ko ariwe aramutswa uyo mugambwe akanawuserukira imberey’amategeko, avuga ko ikoraniro ritegurwa umwanya utari munsi y’umwaka. Amenyesha ko atagikorwa na kimwekiri kuri uyu wa 29 Ruheshi,uyu mwalka.
Umugambwe UPRONA rero ukaba uri mu ngorane z’ugucika ubunywenywe nk’iyindi migambwe isanzweitavuga rumwe na Reta, aha tukavuga umugabwe UPD Zigamibanga na FNL. Bamwe mu bari muri iyo migambwe yose uko ari itatu, bakemeza ko Reta irongowe n’umugambwe CNDD FDD ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bafise uruhara mu guca ubunywenywe iyo migambwe, naho Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu abibeshuza.
Umushingamateka Karori Nditije arongoye UPRONA ishami ritemewe na Reta
oncilie Nibigira arongoye ishami rya UPRONA ryemewe n’amategeko
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments