UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ntibisanzwe : Muri Tanzania umugore wa Pasitori yavyaye ( Ihirizi, umukara, amabuye 2 hamwe n’igitambara gitukura ) wunvise ivyamushikiye biratangaje !

UBM News ads

Ni ibintu bitangaje aho umukenyezi yibungenga ariko hageze igihe co kuvyara ntiyibaruke umwana ahubwo akibaruka ” Ihiririzi ” hamwe n’ibindi bintu biteye ubwoba, kurikirana ino nkuru yose wunve ivyamushikiye uno mugore afise umugabo wu mu Pasitori.

Ibi bintu bitangaje vyabereye mu gihugu ca Tanzania, nkuko uno mu Pastori wuno mugore yabitangarije itangazamakuru rikorera muri kino gihugu, ubwiwe avuga ko aho umugore yibaruka, uretse ihirizi ryamuvuyemwo ariko hari nibindi vyaje bizananye , aho ari ” amabuye abiri, umukara hamwe nigitambara gitukura.

Iyi igize imbanyi ya 3 imaze gukoroka muburyo butangaje !

Uno mu Pastori azwi kwizina rya ” Boniface Onesmo Mahera (38) ” avuga ko kuva mu mwaka 2009 kugeza ubu muruno mwaka turimwo wi 2014, umugore wiwe ” Bentha Seth (27), imbanyi zirenga 3 zose ngo amaze gutwara ziguma zikoroka muburyo butangaje.

Boniface Onesmo Mahera yagize ati : kuva mumwaka wi 2009, imbanyi 3 ziramaze gukoroka, Umugore wanje burigihe yaratwara imbanyi ariko ikwije amazi 3 igaca ikoroka, ibintu vyose vyari bimeze nabi cane kuburyo twakora amasengesho burikanya, aho rero murico gihe sinari bwawe umu Pastori.

Uwo mukozi w’Imana yabandanyije avuga ko mugihe umugore wiwe yarafise ino mbanyi yavuyemwo ihirizi, ngo burigihe bagiye kwamuganga gufata ibipimo ngo inyishu bahabwa zarabatangaza gose kuburyo hari nigihe ngo aba Doctor banka kubaha inyishu zukuntu ibintu bimeze.

Ino mbanyi imaze ukwezi kumwe twaragiye kwamuganga kuyipimisha, ibipimo vyaguma vyerekana inyishu zitandukanye, hamwe ngo ntambanyi afise ahandi naho ngo imbanyi arayifise ariko ngo iri muruhande rutarirwo ahandi naho hari nigihe banka kuduha inyishu tugataha ukonyene, vyovyo umugore wanje yahuye nibibazo vyinshi.

Twarakomeje ukonyene, tubandanya dusenga kuburyo hageze naho twisonzesha imisi igera kuri 10, ubwo rero niho hageze igihe caho turindira kugirango twitege turabe umwana azovuka, uwo mu Pastori niwe yavuze kuno.

Ibitangaza vyatanguye gukoreka

Umugore wiwe ngo imbanyi ikwije amazi 6, ngo yatanguye gushikirwa nibintu bitoroshe, aho burikanya yaguma aja kumwanda mutoya, ikindi naco ngo hageze samunani zumurango ngo yahora yunva ariko arakubwitwa inkoni numuntu atabona.

Umusi umugore wiwe yibaruka ngo hatanguye kwunvikana ijwi ryigikere ( Frog ), umugore ngo iryo jwi ryigikere yunva riva munda iwiwe aho hari mugatondo, hageze mwijoro nka satatu ngo yahise atangura kunva ububabare cane nkaho igihe ciwe co kwibaruka cari kigeze.

Uwo mupastori wuno mugore yagize ati : Narakoze amasengesho akomeye cane mpita ntegura aho umugore wanje aza kuvyarira hano nyene murugo kuko atabushobozi nari nfise bwo kumushikana kwamuganga, icantangaje cane nuko hageze igihe co kwibaruka nagiye kubona asohoye umwanda mutoya ushobora kwuzura nkilitiro 10 ” ndiko ndabandanya nsenga ” inda yiwe yaravyinvye cane kuburo nahisemwo kuzana igitambara ndakimufunga kugira ndabe ko inda yopunguka .

Aho umugore wanje yarageze jewe narinzi neza ko agiye gusezera isi, kuko indobo zirenga 4 zose zari zuzuye umwanda mutoya wiwe yaguma asohora ariko kandi igitangaje nuko atanamaraso namakeya yigeze amuvamwo, Sa sita zijoro zikwiye umugore wanje yatanguye kuvuza urwamo rwinshi avuga ko apfuye, ansaba ngo ndamufashe ” nkubise akagohe ngo ndabe nabonye urunyuzi rumurimwo, ntwarayo ukuboko ngo ndarukureyo ariko naho nyene vyabaye nkibitangaza kuko uko nageregeza kurukurayo ninkaho wamengo dusa nkaho dukwegana ariko narakoze uko nshoboye ruravayo, ndiko kandi nkurayo urwo runyuzi, nakuranyeyo nihirizi ariko umugore murako kanya sinamubwiye nakimwe kuvyerekeye ivyo ndiko ndamukuramwo kuko we yari aza yamaze gutakaza ubwenge.

Kuko vyari ibintu bitangaje iwanje, nahise mpamagara ababanyi kugira nabo baze barabe bino bintu ariko umugore wanje twasanze ubwenge butaragaruka, igihe yaje kuvyuka yatanguye kumbaza umwana yavyaye aho namusize, nanje imbere yababanyi mpitamwo kumubwiza ukuri muko ibintu vyose vyagenze ” Naratoye iryo hirizi ndarifundurura nsanga indani harimwo igitambara gitukura, amabuye, umukara hamwe n’amoya vyose nahise ndabiturira.

Ibi vyose iwanje mbona ari ibigeragezo vya satani ariko nzokomeza gusenga Imana kuko ndazi ko vyose bizohera, kuruhande rwuno mugore wa Pastori , we yavuze ko vyose abishimira Imana kubigeragezo vyose amaze gucamwo, ikindi naco nuko ashimira Imana kuba ari muzima kano kanya kuko arizera neza ko Imana ariyo yonyene ihamugejeje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments