UBM News ads
Saturday, December 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ntibisanzwe : Muri Nigeria uno musore yafashwe ahejeje gusambanya inkoko kugeza naho yayisize ipfuye ” wunvise impanvu ya vyose iratangaje

Umusore w’imyaka 19 asanzwe yiga umwuga wo gusudira yafashwe ahejeje gusambanya inkoko mugace kitwa Akule,umurwa mukuru wa leta yitwa Ondo muri Nigeriya.Uwo musore avuga ko avyisangamwo atazi ingene vyagenze.

Umukenyezi yitwa Stella Akintola asanzwe ari nyene iyo nkoko akaba kandi ari n’umubanyi wuwo muhungu ngo yumvise inkoko ziriko ziravuga cane(gukokoza) hari niyivugira mubwiherero hanyuma aca afata umugambi wo kuja kuraba igituma zivuga muri ubwo buryo.Uwo muhungu ngo yumvise ko hari umuntu agomba kwinjira ngo yaciye asohoka abwira uwo mukenyezi ko avuye mubwiherero kandi ko yariko araribwa n’umushishito(estomac).Estella ngo yagize amakenga hanyuma aca arinjira mukazu ka surwumwe(toilette) maze aca abona imwe munkoko ziwe iryamye hasi ariko yamaze gupfa ariko uwo muhungu ngo yarahakanye ko atariwe yayishe kandi atigeze anayibona.

Mugihe uwo mukenyezi yarikumwe n’ababanyi bariko baragerageza kuraba icoba cayishe, basanze uwo muhungu yayisambanije gushika naho ipfa.Aya makuru avuga ko butari bubaye ubwambere uwo muhungu akora ibisa nkivyo kuko ngo yari yirukanwe aho asanzwe avuka inyuma yaho afashwe ahejeje gusambanya impene.Ico gihe akaba yaciye aja kuba kuwo bavukana ngaho i Akule ari naho afatiwe mubusambanyi nkubwo butagira izina.

Abajijwe avuga ko abiterwa n’ibintu atazi(esprit).Agira ati:

« Nari ngiye kuryama hanyuma haza ijwi ntazi rintegeka kuja hanze ariko muvyukuri sinarinzi ico ngiye gukora arinaho nisanga mpejeje gusambanya inkoko”.Amakuru dukesha ibinyamakuru bitandukanye vyo muri Nigeriya ntibivuga inkurikizi zubwo busambanyi

Sources : Afrifame

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments