Mu gihugu ca Kenya umugabo wumu Pastor yahora yigira umusenzi karuhariwe, agakorakora amabere yabagore ngwari kubasengera, akigira uwukiza abagwayi ba Sida kandi ari ububeshi, ivyiwe vyamuhinyukanye kuko ibanga yahora akoresha ryagiye ahabona.
Ikinyamakuru KTN gikorera muri Kenya, giheruka gushira ahabona video yerekana uburyo uno mu Pastor yahora abesha abantu kugirango bemere ko akoreshwa n’Imana, ivyo vyose akaba yabikora kugirango bimwizinjirize amahera munzira zo kubesha abantu.
Ibintu Imana yavuze muri Bibiliya Yera biriko biribonekeza kuko ngo mu minsi ya nyuma, hari benshi bazoza biyitirira izina ryiwe.
Recent Comments