Abantu 14 nibo bari muri ayo mahiganwa hanyuma bakarya inkoko yose,imikate 2 minini,bakanwa icupa rya Yahourt ripima 1,5 litre hamwe n’ilitiro n’igice y’amazi,vyarangiye abantu 3 badashwe,abandi 3 nabo baja muri koma kubera guta ubwenge.
Ayo mahiganwa yo kurya yiswe “Bunia Chakula”akaba yari yateguwe na Radio Television Salama yo muri ico gihugu.Umuntu wese yari muri ayo mahiganwa akaba yategerezwa kwerekana ubuhinga afise mukurya vyinshi kandi mumwanya muto ubona ko bahabwa iminota 30 gusa.Ayo mahiganwa akaba yabereye kuri uyu wimana ahitwa Bunia muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
Aba bariko barahiganwa
Kwiyandikisha kugira uje muri ayo mahiganwa ntamahera watanga.Ico gikorwa iyo Radio Television ikavuga ko yagiteguye muntumbero yo guteza imbere ibikorwa vyo kwinezereza(loisir).Inyuma y’iminota 20 batanguye kurya,umukenyezi umwe wenyene yararimwo yaciye amenyesha ko ananiwe hanyuma abandi barabandanya.Kubantu 10 vyanse ko babandanya,3 baradashwe bikomeye hanyuma abandi 3 nabo barata ubwenge ariko ngo baciye bafashwa n’abatabazi b’umuryango Croix Rouge bari bahari kugira baze gutabara mugihe hoba ingorane.
Uyu ni umwe mubaguye hasi kubera guta ubwenge
Mu bantu 4 bashoboye kurangiza ayo mahiganwa,uwitwa Theophile Liselele afise imyaka 20 niwe yashoboye kurangiza neza ibifungurwa n’ibinyobwa vyose yari yahawe mu mwanya mwiza.Ariko rero naho ariwe yatsinze abandi,ntibisigura ko ariwe aca ahabwa agashimwe kuko ayo mahiganwa akibandanya kuko ngo ico cari igice cambere c’amahiganwa 4 ategerezwa gukorwa.
Theophile yabaye uwambere
Theophile akaba asigaje ayandi mahiganwa 3 kugira ahabwe agashimwe kumuntu yatsinze amahiganwa yo kurya.Ihiganwa rizokurikira rikaba ritegekanijwe kuwa 21 Nyakanga 2014.Agashimwe gategekanijwe kuwuzotsinda ayo mahiganwa yose ni ibilo 25 vy’umuceri,25 vy’amavuta yo guteka ,25 vy’ibiharage,urupfuko runini rw’amakara hamwe na 20 vy’amavuta yo guteka.
Recent Comments