Ntibisanzwe : Mu Rwanda abana babiri bavutse basa n’inkende, banakurana n’imico yazo (Raba hano amafoto)

0

Mu gihugu cu Rwanda , umuryango wa Jean Marie Vianney Twagirimana w’imyaka 29 na Musavyimana Claudine w’imyaka 25, mu myaka indwi bamaranye bo bavyaye abana 2, umuhungu hamwe n’umukobwa ariko bose nkuko biboneka bakaba basa nk’inkende.

arton16120-bf97e

Nk’uko iyi nkuru tuyikesha ikinyamakuru kimwe gikorera mu Rwanda, uno muhungu Jean Paul Rukundo ngwafise imyaka 7 , mushikiwe nawe Theopiste Mushimiyimana akaba afise imyaka ibiri. Aba bose nta n’umwe uramenya kuvuga ijambo na rimwe nk’uko biba bimeze ku bandi bana.

Uretse kuba atabwoya bafise ku mubiri wabo, iyindi mico usanga bayihuza n’inkende. Uyu w’imyaka indwi akunze kurira cane, kuvuga nk’inkende, kwanka kurya inrya zisanzwe hamwe no kugenda yunamye n’ibindi bidasanzwe.

Gusa rero bo bafise ibindi vyinshi bahuriraho n’abantu nko gutwenga, gutinyuka kubana n’abantu hamwe n’ibindi, ikindi naco nuko nabavyeyi bo ubwabo bemeza neza ko bavyaye abana bafise ikibazo ndetse bikaba bibateye impungenge zikomeye.

IMG_20150606_171022-dc759

Aba bavyeyi bavuga ko uriya mwana wabo wa mbere yavukanye ikiro kimwe gusa (1Kg), abaganga ngo babamaze impungenge bababwira ko azokura nk’abandi bana atakibazo bizotera , uyu mwana kugeza ubu afise imyaka indwi, ibiro navyo afise akaba ari icenda gusa (9Kg ).

Uyu mwana ari mu kigero co gutangura ishuri ariko ntaho araja kuko atazi kuvuga, ntiyumva , agenda ataruka kandi iyo abonye umuntu aba ashaka kumwurira bagakina, icakora aba yishimye atwenga cane.

IMG_20150606_172655-1c8f9

Uwa kabiri w’imyaka ibiri abavyeyi biwe babona nawe ari gukura nka musaza we, nawe yavukanye ikiro kimwe. Ku myaka ibiri ubu afise ibiro bitandatu (6Kg), nta jambo narimwe aravuga kuva avuka.

UBM News tubibutse ko uyu muryango uvuga ko batigeze biyumvira kuvuza aba bana kuko nabo ngo batazi indwara barwaye ikindi naco ngo nuko atanubushobozi bafise.

IMG_20150606_171224-a2418

IMG_20150606_165920-50c14

IMG_20150606_165851-1128c

IMG_20150606_165843-87ef9