Uwusanzwe arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ariwe Jacques Bigirima aramenyesha ko yamaze gushinga umurwi wo kuganira ku kibazo c’ugusubiza hamwe na Agathon Rwasa avuga ko ariwe agitwara umugambwe.
Bigirimana Akaba amenyesha ko Agathon Rwasa akwiye kuzoshinga umurwi nawe kugira bahure bayage, ivyo akaba abikoze ngo mu ntumbero yo kwubahiriza abanamarimwe bo bene umugambwe kuko ariko bamusavye. Akaba yamenyesheje ko umurwi wari wavuzwe ko uriko urayaga na Agathon utari wisunze amategeko.
Tubibutse ko haheruka gushikirizwa urwandiko ruvuga ko Agathon rwasa ariwe aramutswa uwo mugambwe. Ivyo bikaba vyari vyashikirijwe na Jacque Kenese yarasanzwe ari umunyamabanga w’uwo mugambwe FNL itwarwa na Jaques Bigirimana.
Recent Comments