Leta ya Irake yasavye icese leta zunze umwe za Amerika kuyifasha mu gukoresha indege mu ntambara irimwo n’abarwanyi b’Abasuni.
Umugabo w’ingabo za Amerika, General Martin Dempsey, yemeje ko Irake ivyo yabisavye, ariko ntiyavuze nimba hari ico Amerika izobikorako.
Mu ndwi iheze, umukuru w’igihugu Obama yavuze ko akiriko arihweza ico Amerika yokora ku kibazo ca Irake.
Irake ishaka ko indege z’ingwano za Amerika ziyifasha
Kare umushikiranganji wa mbere wa Irake, Nuri Al Maliki, yasavye abanye Irake kwiyunga bagahangana n’abarwanyi b’Abasuni.
Bwana Maliki yavuze ko abo barwanyi bariko barica amajana y’abantu bakanasambagura igihugu.
Mw’ijambo yacishije kuri television y’igihugu, umushikiranganji wa mbere yemeje ko kuba abo barwanyi bashitse kure ari intambwe itewe inyuma.
Ngo ariko abanyagihugu ba Irake ntibazotsindwa urwo rugamba.
Yagabishije ayandi maleta yo mukarere ko iterabwoba ritazoguma ku mbibe za Irake gusa, ngo n’ibindi bihugu bishobora kwakamwo umucanwa.
Igitero i Baiji
Hagati aho abarwanyi b’Abasuni bagavye igitero kw’ihinguriro ry’ibitoro rya mbere rinini muri Irake riri i Baiji, bakoresheje ibisasu hamwe n’inkoho za rutura.
Hari amakuru avuga ko abo barwanyi ubu bagenzura igice kinini c’iryo hinguriro, bakaba bishe abaharinda.
Ariko BBC yabwiwe na bamwe muri leta ko igisirikare ca leta kikigenzura iryo hinguriro ryose.
Irani ntizorera amaboko
Umukuru w’igihugu wa Irani, Hassan Ruhani, yavuze ko Irani izokingira ibibanza vyeranda vy’aba Shia biri muri Irake.
Ibi vyerekana ata gukekeranya ko Irani yiteguriye guhangana n’abarwanyi ba ki Islam b’aba Suni, bavuze ko bazotera ivyo bibanza.
Sources : BBC
Recent Comments