Mu ntara ya Gitega, abahinga cumi na batatu baratanguje uruganda CEAG (Centre d’Essai Aéronautique de Gitega) rw’ugukora indege ya kajugujugu. N’aho abo bahinga bemeza ko vuba iyo ndege izoguruka, mu gisata kijejwe gukurikirana ivy’ikirere mu Burundi bavuga ko abo bahinga batabifitiye uruhusha.
Uwo murwi w’abahinga cumi na batatu urongowe na Gustave Nibizi w’imyaka 31 niwo uriko ukora indege yo mu bwoko bwa kajugujugu bivugwa ko izoguruka ubwa mbere ku genekerezo rya mbere Mukakaro 2014, umunsi Uburundi buzoba buhimbaza imyaka 52 bumaze buronse intahe y’ukwikukira. Abo bahinga bose bamenyesha ko imbere y’ugutangura ico gikorwa, bamaze imyaka itandatu bari mu bushakashatsi bw’ingene boshira mu ngiro ico ciyumviro umwe muribo yagize kuva mu bwana bwiwe. Bariyemerera ko ata nyigisho z’ubwo buhinga bahawe, ariko ko basomye ibitabu vyinshi. Iyo ndege yo mu bwoko bwa kajugujugu izokoreshwa n’imoteri y’imodoka yo mu bwoko bwa Volkswagen. Ibikoresho vyose biriko birakoreshwa mu gukora iyo ndege ni ivyo mu Burundi, ikazoba ifise ibibanza bibiri. Ku munsi wo kuyigerageza, abazoyigenderamwo ni uwozoba ariko arayigendesha, hamwe na Gustave Nibizi, umukuru w’urwo ruganda CEAG (Centre d’Essai Aéronautique de Gitega). Iyo ndege izoshobora kugendera ku muvuduko w’ibirmetero 54 kw’isaha (54Km/h), ikaguruka mu metero 300 uvuye kw’isi (à 300m du sol).
Umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile), Albert Maniratunga, amenyesha ko iyo ndege idashobora kwemererwa kuguruka, kuko yakozwe n’abatabifitiye ubuhinga. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Albert Maniratunga ntahakana ko urwo rwaruka rufise kazoza muvy’ubuhinga, akaruhanura ahubwo ko rwokwegera abahinga babinonosoye, kugira babakarihirize ubwenge. Kubwa Albert Maniratunga, umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi, naho iyo ndege iriko irakorwa yoba ishobora kuguruka, ntishobora kubironkera uruhusha kubera yakozwe n’uruganda rutemewe n’amategeko, yaba ayo mu Burundi, canke mpuzamakungu, ivyo navyo bikaba vyotuma Uburundi bufatirwa ibihano kuko bwoba bwaretse ikigo kitazwi kigakora indege ishobora kugira ingaruka.
Bitegekanijwe ko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Ruheshi 2014, Albert Maniratunga umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile), azobonana n’abo bahinga bo muri Centre d’Essai Aéronautique de Gitega kugira bahanahane ivyiyumviro ingene bwokwisunga amategeko muri ubwo bushakashatsi bwabo, babanje guhabwa ubumenyi bukwiye.
Albert Maniratunga umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile)
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments