Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsNtibisanzwe : Ibi bintu bishasha '' Mt Number One '' ashizeho bigiye...

Ntibisanzwe : Ibi bintu bishasha ” Mt Number One ” ashizeho bigiye kuzofasha benshi ”

Umuririmvyi w’umurundi yamamaye cane hano muri Leta zunze ubumwe za America ” Mt Number One ” akomeje gushiraho ibintu bishasha abona vyotuma umuririmvyi w’umurundi atera imbere kuko ubu muri Studio yiwe asanzwe arongoye ya ” Indonyi Record ” yashizeho umugambi mu shasha uzoza urafasha abaririmvyi baririmba indirimbo zo guhimbaza Imana.

mt

Nkuko yabitangarije ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” umu ”STAR ” Mt Number One yavuze ko yashizeho uwo mugambi mu rwego rwo guteza imbere ibikorwa vy’abaririnvyi w’abarundi hamwe n’umuziki w’uburundi.

Mt Number One yagize ati : Nkuko mubimenyereye ko hashize ikiringo kingana namezi 2 Indonyi Records itanguye ibikorwa vyayo mu gisagara ca bujumbura mu BURUNDI. ubu twabazaniye bishasha navyo bikaba aribi: ku baririmvyi b’indirimbo z’imana, hamwe nama choral yipfuza gukorana natwe, ubu beats zanyu zigiye kuza zicurarangwa live haba ku guitar ca SOLO canke ca BASS iyo ikaba ari imwe mu ntambwe zo guteza ibikorwa vyacu ndetse n’umuziki w’uburundi imbere murakoze (sekuru windonyi)

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments