Imirwi yose y’abagize inama nshingamateka irashimishwa n’integuro y’itegeko rigenga amatora yo mu mwaka w’2015 yemejwe n’abashingamateka ku munsi w’ejo kuwa gatanu. Ivyari vyumvikanwe mu biganiro vyahuje abanyeporitike mu Kayanza vyafatiweko muri iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’abaserukira abanyagihugu.
Mu bikorwa vy’inama nshingamateka vyo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, vyari bitegekanijwe ko biga integuro y’itegeko rigenga amatora yo mu mwaka w’2015. Ibikorwa vyari gutangura mu gatondo vyashizwe ku muhingamo kubera abashingamateka batari bwashikirizwe icegeranyo. Nk’igihe c’isaha icenda, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana yari atanguye gusigurira abashingamateka impinyanyuro zohinduka mw’itegeko nimero 1/22 ryo kuwa 18 Nyakanga 2009 ryagenga amatora yo mu mwaka w’2010. Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko bisunze ivyavuye mu biganiro abanyeporitike bagiranye mu Kayanza muri izo mpinyanyuro.
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Mu nteguro y’iryo tegeko yemejwe n’abashingamateka, bumvikanye ko abazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu batosabwa ko boba bafise urupapuro rw’umutsindo rw’amashure ya Kaminuza, kuko bitubahiriza ibwirizwwa shingiro. Mu matora yo mu mwaka w’2015, hazokora ikarata imwe (bulletin unique), amatora abiri ayo muri komine n’ay’abashingamateka akazobera ku munsi umwe, ayandi nayo akurikire. Umwanya w’itora warongerejweko isaha imwe, abazohagarikira amatora nabo bakazotegerezwa guhabwa bose icegeranyo (procès verbal) c’ingene amatora yagenze, ivyo navyo bikazofasha ko ivyavuye mu matora biba ku mugaragaro kugira ntihazogire ubusuma bwibonekeza.
Imirwi yose y’imigambwe iserukiwe mu nama nshingamateka yarashimye iyo nteguro yubahirije ivyumvikanweko n’abanyeporitike bose mu Kayanza. N’abadaharanira ivyicaro vya poritike bamenyesha ko baheruka kera kubona abashingamateka bahuriza ku mpinyanyuro zimwe zisunze umwumvikano wa bose, ku neza y’igihugu.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments