Monday, September 26, 2022
HomeNewsNtibisanzwe: Abapfumu Bo Muri Amerika Bariko Barondera Gukura Donald Trump Ku Butegetsi.

Ntibisanzwe: Abapfumu Bo Muri Amerika Bariko Barondera Gukura Donald Trump Ku Butegetsi.

Abantu benshi bagwanya Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, barizeye ko bizobasaba kurindira imyaka ine kugira ashobore kuva ku butegetsi.

Ariko abapfumu bo muri Amerika ntibemeranya nivyo. Nkuko tubikesha ikinyamakuru Yahoo News,mw’ijoro buca ari kuwa gatanu itariki 24/02/2017, abizere ubupfumu bose muri Amerika barateguye ubupfumu bwotuma Trump ava ku butegetsi.

Gushika ubu Ikibanza co kuri Facebook c’ubwo Bupfumu( Spell mu congereza) kiramaze kurenza abanywanyi bareng a 10 500.

Ubu nibwa Bupfumu Abapfumu bo Muri Amerika bariko bakoresha kugira bakure Trump.

Izo ntambwe zavyuye impari n’ishavu bivuye ku bandi bakristu biyamirije ubwo bupfumu ko bariko batangaza intambara yo mu buryo bw’impwemu.

Abo bapfumu bo muri Amerika biyemeje gusubira ubwo bupfumu gushika Trump avuye ku butegetsi, Bakaba bazosubira kandi gupfumura muri Ntwarante itariki 26, 2017.

Umugwi w’abakristo nawo watangaje ko itariki 24/02/2017 ko ari wo musi wo gusenga kugira biyamirize ubwo bupfumu.
Naho biri ukwo, Donald Trump ntaco aravuga ku vyerekeye iyo ntambara ihari hagati y’abapfumu n’ abakristu.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...