Abanyagihugu bo mu gihugu ca Burkinafaso bafashe radio na Televiziyo vy’igihugu ndetse baranaturira inzu yariko iraberamwo inama nshingamateka kumvo zo kwiyamiriza intwaro yabarambiye ya Blaise Compaoré , Amakuru adushikira avuga ko n’igisirikare yuko coba kiri inyuma y”iyo migumuko.
Abashingamateka bari munama bagomba gutora ku mugambi wa leta wo gusubiramwo ibwirizwa nshingiro kugira umukuru w’igihugu Blaise Compaore ashobore gusubira kwitoza mu mwaka uza bityo intandaro yimigumuko yabo bayangihugu ikaba yavuye ngaho, aho bo bahise baturira inzu yariko iraberamwo inama nshingamateka.
Blaise Compaoré yagiye kubutegetsi kuva mu 1987 , bityo ubu akaba akwije imyaka 27 arongora igihugu ca Burkinafaso , nkuko vyunvikana ndetse vyemezwa na bamwe mubakurikiranira ibibera murico gihugu bo bavuga ko Blaise Compaoré amaze gutembagaza ubutegetsi ndetse ko amaze gutsinda amatora menshi ariko ngo nubwo ayatsinda ngo haba habayemwo utunenge hamwe n’ubusuma bwinshi.
Recent Comments