Ntawuramenya irengero ry’abantu batanu bafashwe n’abasirikare ku Musaga

0

Abantu batanu bo mu myaka y’urwaruka nibo bahagaritswe n’abasirikare b’Uburundi kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha zine, muri karitiye ya Musaga, komine Muha, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Bagifatwa, abo bantu baciye bajanwa ahantu hatazwi, abo basirikare babataye muri yompi bakaba batasiguye impamvu bafashwe.

mil

Nk’uko tubikesha ababonye ifatwa ry’urwo rwaruka, babasanze hafi y’abo bita kuri “Musalac”, bakaba bapfungiwe mu kibanza kitaramenyekana.

Imiryango y’abo bafashwe iratewe amakenga n’ukuba itazi aho abayo bapfungiwe, hamwe n’ico bagirizwa. Basaba ko abo bafashwe batotorwa ibiziga nk’uko bimenyerewe.