Umukuru wa sentare y’afrika y’ubuseruko Nestor Kayobera asaba umukuru wa sentare ntahinyuzwa Gamalier Nkurunziza kugarukira ikibazo c’abacamanza bazingamitse ubutungane.
Nestor kayobera ati:”Nta gihugu gitera imbere kitagira ubucamanza bwiza,naho wogira ibirwanisho ruhonyanganda ata butungane bwiza ntutera imbere kandi nta murwizatunga azozana amafranga yiwe mu gihugu kitagira ubutungane!”

umukuru wa sentare y’Afrika y’ubuseruko Nestor Kayobera avuga ko ubutungane ari zimwe mu kingi z’iterambere mugihe ata butungane burangwa mu gihugu,igihugu ntigishobora gutera imbere.
Nestor Kayobera yasavye uwurongoye sentare ntahinyuzwa Gamalier Nkurunziza gushira imbere ubutungane bwubahiriza umurundi wese.ibi yabishikirije ku musi w’ejo mumubonano yagiranye n’abagize sentare ntahinyuzwa n’umukuru wayo Gamalier Nkurunziza.
Nestor Kayobera yamenyesheje ko ata gihugu na kimwe gishobora gutera imbere kitagira ubucamanza bwiza canke ngo abarwizatunga bazane imitahe yabo mu gihugu kitagira ubucamanza bwiza.
Kayobera agira ati:”Naho igihugu cogira ibirwanisho ruhonyanganda kitagira ubutungane bwiza ntigitera imbere,ubucamanza n’inkingi y’iterambere.”.
Gamalier nkurunziza avuga ko agiye kuvugana n’ubushikiranganji bw’ubutungane hamwe n’ababufasha bose kugira haboneke ubutungane umwenegihugu wese yiyumvamwo.
Ubutungane bw’uburundi busanganywe ibibazo vyo kutigenga nkuko vyagiye bigaragara mu manza nyishi aho usanga bukoreshwa n’ubutegetsi hamwe n’ikibazo co kurya ibiturire aho uwudafise ifaranga adatunganirizwa nkuko prezida Evariste Ndayishimiye adasiba kubivuga.





Recent Comments