Ntahiraja:”Igikorwa co kwandika abafise imbneshakure gikorwa ku buntu”

0

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’itwaro yo hagati mu gihugu Therence NTAHIRAJA asaba umuntu wese yatangishizwe igituriro kugira bamushire ku rutonde rw’abatunze imboneshakure kubimenyesha kugira abamusavye igiturire bahanwe vy’akarorero.

Therence NTAHIRAJA amenyesha ko igikorwa co kwandika abatunze imboneshakure mu gihugu cose gikorwa ku buntu, mu ntumbero yo kumenya abazoronswa ivyuma bishasha bitanga amasanamu bikoresha ubuhinga bushasha bwa numerique.

Kubwo umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha kandi ko ivyuma bitanga amasanamu bikoresheje ubuhinga bwa none ari ingabire ya Reta y’Ubushinwa ku Burundi.

Mu Burundi, imboneshakure y’igihugu yatanguye gukoresha ubuhinga bwa nne kw’igekerezo rya 19 Kigarama,umwaka wa 2016.