Nta mugwayi wa coronavirus batoye ku bitaro Kira Hospital

0

Mwitangazo umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Muganga Thaddée Ndikumana, ahejeje gusoma kur’uyu wa gatandatu yamenyesheje ko abantu bane bari biketsweko ingwara ya coronavirus basanze atayo babatoyeko inyuma y’ibipimo vyakozwe n’ikigo c’igihugu kijejwe gupima ingwara INSP. Umushikiranganji w’amagara y’abantu amenyesha ko ikigo INSP arico conyene kijejwe gupima iyo ngwara ibangamiye isi yose.

Abo bagwayi bane batanguye kuvugwa kur’uyu wa gatanu inyuma yaho habonetse ikete ritembera ku mbuga ngurukana bumenyi risa n’irivuye mu bitaro bikomeye vy’i Bujumbura aho uworongoye ivyo bitaro yasaba imiti yo gupima iyo ngwara kuko yiketse abo bantu kuba bafise iyo ngwara.

Ariko umuhanuzi mukuru mu biro vy’Umukuru w’igihugu ajejwe ivyo kumenyesha amakuru, Willy Nyamitwe, kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe tweeter aratangazwa niryo kete ry’uwo arongoye ivyo bitaro, Dr Sahabo Christophe, aho yaryandikiye kandi nawe yugaranywe bimwe bita quarantaine kugira barabe ko adafise ico kiza inyuma y’urugendo yahoramwo mu bihugu vya buraya aho coronavirus yiraye isasika inganda.

Uburundi gushika ubu nta ngwara ya coronavirus iratorwamwo mu gihe ibihugu bibanyi vy’Uburundi vyose bivugwamwo iyo ngwara yica yandukiye mu mpwemu. Mbere mu gisagara Kinshasa bakaba basibije kugumiza abantu mu mazu kur’uyu wagatandatu batinya kwibiciro vy’ibifungurwa biduga biteye ubwoba inzara ikica abantu. Mu gihugu c’Urwanda naho bamaze indwi bugaraniwe mu mazu yabo bakavuga ko barambiwe no kuguma bicaye. Président Paul Kagame mw’ijambo yaraye ashikirije abanyarwanda avuga ko agiye gufasha abatishoboye kugira bashobore kuguma mu mazu yabo.