Inyuma yaho bigaragariye ko abajejwe gutunganya imigambi ya Leta ifashwe mu mugongo n’ibanki nkuru y’isi ata bumenyi bafise buhagije bigatuma amafranga asubizwa inyuma adakoze,Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Adauce Niyonzima yatanguje umugambi wo kubakarihiriza ubwenge.
Audace Niyonzima yemeza ko ata mafranga azosubira gusubizwa inyuma adakoze kuko ari uruhombo ku Burundi.

Ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 Munyonyo 2024 umushikiranganji w’ikigega ca Leta Audace Niyonzima yatanguje umugambi wo gukarihiriza ubwenge abajejwe gushira mu ngiro imigambi ifashwe mu mugongo n’ibanki y’isi.uwo mugambi ukaba ufashwe mu mugongo na Banki y’isi.
N’inyuma yaho bigaragariye ko abo bajejwe gushira mu ngiro imigambi ya Leta ifashwe mumugongo na Banki y’isi ata bumenyi buhagije bafise mbere bishika amafranga agasubizwa inyuma adakoze.
Audace Niyonzima avuga ko ari uruhombo ku gihugu c’uburundi ariko akemeza ko bitazosubira kwibonekeza.





Recent Comments