Nkurunziza Petero arahejeje kuva mu gacerere ku bijanye n’ukwitoza

0

Ico abarundi n’amakungu bari bateye ivyatsi haraheze igihe kitari gito nico gihejeje kubera mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD, Petero Nkurunziza bahejeje kumwemeza nk’uwuzowuserukira.

Mu gihe abarundi bari barindiranye igishika cinshi uwuzokwitoza ku giti c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi atanzwe n’umugambwe CNDD FDD, haheze umwanya muto uwo mugambwe utanze uwuzowuserukira muri ayo matora uwo nawe akaba ari umukuru w’Igihugu c’UBurundi Petero Nkurunziza, akaba atowe ku bice birenga 80%.

nkurunziza

Mwokwibuka ko ico kibaye ciyamirijwe n’abatari bake haba abihebeye Imana, abanyamigambwe, Abadaharanira inyungu za politique eka n’abanyagihugu batandukanye, mbere na bamwe mu bari muri uwo mugambwe nyene bavuga ko bashigikiwe n’abatari bake.