UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nkurunziza Peter : Abantu babayeho neza mu Burundi kiretse umutekano wabo nuko usanga………..

UBM News ads

Mu nama y’ukwisuzuma yahuje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’aba buramatari bose b’intara z’igihugu c’Uburundi, basanze ibisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu vyifashe neza, kiretse umutekano uza urahungabana rimwe na rimwe.

Inyuma y’iyo nama yabereye mu mwiherero ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko yari inama yo kwisuzuma, barabira hamwe ivyaranguwe, n’ivyokorwa muri kazoza. Muri iyo nama, baboneye hamwe ko umutekano umaze iminsi uhungabana, kenshi ibibazo vy’amatati y’amatongo bikaba arivyo biba intanduruko. Mu gihe ikirere c’Uburundi kimaze iminsi gihindagurika, bikigaragariza ku mvura y’isegenya, imiyaga n’inkuba bihitana abantu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye abarongoye intara z’Uburundi bose ko borwiza ibikorwa vyo gukingira ibidukikije.

Abarongoye intara z’Uburundi barashikirije ikibazo babona c’abana baguma bahagarika amashure, bivuye ku miryango yabo ihindura aho iba mu ntumbero yo kurondera amatongo, canke abanyeshure bahagarika ivyigwa bagiye kurondera ubuzi mu bisagara. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yasavye ba buramatari b’intara ko bokwama bahimiriza abo barongoye ku kamaro ko kwiga.

Nk’uko vyashikirijwe na Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, abarongoye intara barasabwe guhagurukira ikibazo c’abanyamahanga bibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi, kandi badafise uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Umukuru w’igihugu yasavye abo barongoye intara kwama bagenzura, mu kurondera abadafise impapuro zibaha uburenganzira bwo kuba mu Burundi, canke bwo kuharangurira imirimo. Muri iyo nama, ba buramatari barashikirije umukuru w’igihugu ubukene bafise bw’ibikoresho, cane cane nk’amabati, ibikoresho vyo kwubaka amashure n’ibirwati. Umukuru w’igihugu yarabaremesheje, abamenyesha ko ayo mabati yamaze gutangura gutangwa, kandi n’ibindi bikoresho bizobashikira mu gihe ca vuba.

Sources ” Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments