Nkurunziza aramutse atanzwe na CNDD FDD, imyiyamamazo niyo izomusanganira

0

Harateguwe imyiyerekano ku musi wa mungu hamwe ikoraniro kamenuza rya CNDD FDD ryo ku musi wa gatandatu ryotanga Nkurunziza nk’uwuwuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.

Propagande-Nkurunziza-058

Hasigaye amasaha adashika kuri 10 ngo ikoraniro kamenuza ry’umugambwe CNDD FDD ribe, muri iryo koraniro niho abarundi barindiriye kumenyera nimba vy’ukuri umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza azosubira kwitoza canke atazokwitoza. Ivyo bikaba birindiriwe haraheze igihe kitari gito kuko abanyecubahiro batandukanye bava hirya no hino kwisi bagumye batera akamo umukuru w’igihugu c’Uburundi ngo ntasubire kwitoza.

Hampande y’abanyamahanga, abasanzwe badaharanira ivyicaro vya Politique baheruka kumenyesha ko bazoca bifatanya n’abandi batanguye imyiyerekano, abo bagatumirira kuzoja mw’ibarabara ku musi wa mungu mu gaturuturu mu gihe umugambwe CNDD FDD woramuka ushizeho Nkurunziza nk’umukuru w’Igihugu.

Mwomenya ko abashingamateka batandukanye bava muri uwo mugambwe babajijwe bamenyesha ko bataratumirwa muri iryo koraniro kandi bakanamenyesha ko batazoryitaba mu gihe batobatumira kuko mu ndero y’ikirundi atawitaba urubanza batamutumiyemwo.