UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Menya hano Ibintu 5 bikomeye cane ukwiye kwirinda kubwira umukobwa ukunda

UBM News ads

Murikigihe usanga benshi bafise imvugo zitandukanye kuvyerekeye imibano mu miryango, benshi usanga bavuga ngo : “nta rukundo nyarwo rukibaho”, abandi ngo : “ingo z’ubu ntakigenda”.

Twagerageje kubegeraniriza amwe mu majambo abagabo badakwiye kubwira abakunzi babo.

aragukunda

1. Kumubwira ko afise amabere meza

Abagore co kimwe n’abakobwa baranka uwubabwira uko amabere yabo ameze.
Usanga abagabo benshi bakunda kubwira abakobwa ko bafise amabere meza gusa muvy’ukuri iyo uvuze iryo jambo, icumvikana cane n’uko bija mu nzira z’ubusambanyi.

Mu bakobwa usanga hari abafise amabere manini abandi mato, mu bihugu biteye imbere nkaha muri Leta Zunze ubumwe za Amerika, benshi baja gukoresha amabere y’amakorano kugira ngo bagire manini. Usanga rero abakobwa badakunda kugira amabere manini aribo benshi kandi baba mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

Si vyiza rero kubwira umukunzi wawe canke uwundi mukobwa uwo ari wese ko afise amabere meza kandi ubona ko ari manini, iciza n’uko wokwinumira.

2. Ubu usigaye Ufise amategeko yawe canke ?

Abakobwa benshi barababazwa no kubwirwa iri jambo mu gihe umuhungu canke umugabo arivuze aba asa n’uwikinira. Si vyiza gukoresha amajambo akomeye kuko atariyo yereka umuntu ko ari mu makosa, nimba umukunzi wawe yakoze amakosa canke hari ivyo yakoze mu buryo utari witeguriye, gerageza kumwegera umwumve kuko akenshi aba yabikoze kugira ngo akunezereze.

3. Mfise akazi kenshi

Abagabo benshi mu masaha y’amakuru, umupira, ibiganiro haba kuri radiyo canke kuri televiziyo, usanga ata kindi kintu baba bitayeho.
Yamara ayo masaha usanga ariyo umukunzi wawe aba akeneye kukubwira utuntu twinshi kandi ukamusubiza. Kukubaza ibijanye n’akazi, kukubwira ukamutoza ico azokwambara ku munsi mukuru runaka, ndetse hari vyinshi uba udakwiye kwirengagiza. Abagore rero baba bakeneye umuntu abitaho kuruta ibindi vyose.

4. Turagabura kuriha !

Iri jambo naryo riri mu majambo amwe abagore badakunda. Bamwe mu basore usanga namba yasohokanye n’umukobwa cane cane ubwa mbere yanka kwishura amajambo yose kuko ngo aba atarizera namba uwo mukobwa azomwemera koko. Yamara ngo usanga aba ariko yiyononera inzira igihe cose yibaza ko bofashanya kuriha amafaranga y ‘ivyo bakoresheje yaba amafaranga y’urugendo canke ibindi bintu bafashe. Sivyiza kugabura ahubwo mwobivuganako hanyuma nawe akazoriha ikindi gihe.

5. Nari nasinziriye

Inyishu nk’iyi abagore barayanka. Si vyiza kubwira umukunzi wawe ko wari wasinziriye mu gihe akubajije impamvu utagiye ku kazi, wacerewe gufata imodoka canke utagiye gutahana abana kw ‘ishure.

Iki gihe agufata nk’uwutagize agira ico ukora canke nk’uko ataco witayeho kandi wewe wabifata nk’ibintu vyoroshe. Ashobora kukwumva mu gihe umubwiye ko wari wasinziriye kubera warurushe kubera akazi canke ikindi kintu cose gifise inyungu.

Ikiruta vyose ni ukumenya neza umukunzi wawe, ukamenya uko ameze, ivyo yanka, bizogufasha kubana nawe umukorera ivyo uzi bitamubabaza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments