Nimba LOLILO yoba asigaye adandaza impuzu,yoba adandariza kw’isoko iyihe?

0

Umuririmvyi w’umurundi NIYONZIMA Nassor Saloum abenshi bazi kw’izina rya LOLILO yoba asigaye adandaza impuzu nkuko bamwe bashoboye kubona i photo ari ahantu biboneka ko yoba yariko adandaza impuzu, bamwe bakaba baribajije ko yoba adandaza impuzu banifuza kumenya aho yoba adandariza.

lolilo

Nyuma yo kwumva ivyo bivugwa kuri uyo muririmvyi,ikinyamakuru canyu ubmnews.com tukaba twarashoboye kumwegera turamubaza yuko yoba adandaza impuzu canke,LOLILO akaba yatwishuye ati:

Hahaaaaaaaaaaaa sindadaza impuzu ariko naho nozidandaza ndibaza ko ataco vyoba bitwaye kuko nimba umuntu akora akazi kakamuha ico gufungura kakanamubeshaho sinibaza ko wokagaya so kuba abantu barabonye i photo ndi ahantu bibonekako noba nariko ndandaza impuzu sivyo nagato ahubwo nari nagiye kuraba umugenzi wanje asanzwe azidandaza

Twobamenyesha ko iyo photo ya LOLILO yashoboye kuvugwako vyinshi.