UBM News ads

Nikuberiki mu Burundi bwacu ata Gituro c’Imiduga yunguruza Abantu kihari ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Iyo tuvuzeko mu Burundi bwacu ata Gituro c’Imiduga yunguruza Abantu kihari,Abantu ntibatahura neza ivyo tuba tuvuze!!

Mu bisanzwe Ibindi bihugu canke iyindi Miji ingene itunganijwe Leta irategura Ikibanza kinini,ikacubaka neza,ikubaka ubwugamo,ikubaka ama Toilettes,ama douches, vyose vya kijambere. Hakabaho Igice c’imiduga ija mu Gihugu hagati mu ntara zitandukanye,hakabaho n’igice c’Imiduga ija hanze y’Igihugu! Kandi iyo miduga yose iparika ngaho irariha Amafranga ya Parking Leta ikinjiza Amahera umusi ku musi.
Abantu mumaze gushika muri Tanzania(Mwanza,Dodoma,Dar es salaam,…) mbere no ngaho iruhande yanyu i Kigoma mearabonye ko ama Parking ahari kandi meza! Nta muntu anyagirwa canke yicwe n’izuba,mu Burundi vyankira hehe!??
Abategetsi bacu ko batembera Isi,ntibabona ingene ahandi bitunganijwe?? Nkubu Ntasoni bagira kubona iwacu Abantu bafatira Imiduga mw’ibarabara?? Pariking zo mwibarabara ziracabaho mw’Isi ya none??

Iyo mubona ngaho ni Parking yi Dar es salaam muri Tanzania,kuberiki mushaka kuyigana gutwara igihe kirekire ariko ntimuyigane mu bikorwa vy’Iterambere igezeko!!?? Nyakubahwa mushikiranganji ujejwe gutwara Ibintu n’Abantu,ujejwe iki namba Igihugu cose kibayeko kitagira Buses Terminals(Ibitoro vyimodoka)

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments