Hari abatubajije bati:”Niki kizomara amatati hagati y’Uburundi n’Urwanda?”
Ubwambere bwo twashaka tubamenyeshe ko amatati y’Uburundi n’Urwanda si ayuyu musi, Yatanguye kuva ku ntwaro za cami,gusa yoyo akenshi yaba ashingiye ku gupfa imipaka n’ubugabo!
Ayuyu musi nayo nuko ashingiye kuri politique n’Amoko.

Tubabwije ukuri igihe cose igihugu c’Urwanda kizoba kirongowe n’Abatutsi Uburundi nabwo bukaba burongowe n’Abahutu,ibi bihugu ntamahoro bizigera bihana,kiretse aramwe y’uburyarya nyene nkuko vyari mbere ya 2015. Burya bwari uburyarya ntarukundo rwarimwo! Ndabahe ibintu bibiri gusa bibereka ko bwari uburyarya:
– Urwanda igihe cose rwaguma ruvugako mu ndongozi z’Uburundi ko harimwo abagirizwa Genocide mu Rwanda.
-Biparanganye gatoya 2015 mwarabonyeko abashatse gukora coup d’Etat nka bose niyo bahungiye bafatirayo indege zibahungisha abandi bagumayo. Ivyo vyonyene gusa birerekana ko hari akari gahasanzwe gusa bakiyorobeka! Nkurunziza ntako atakoze mu kwihomeka kuri Kagame,ariko Kagame we yarafise ico yitegeye muriyo migenderanire yiwe. Mwarabonye kenshi Abantu bafatirwa mubindi bihugu bagirizwa Genocide mu Rwanda kenshi bacishwa mu Burundi,Uburundi nabwo bukabashikiriza Urwanda.(Uwushaka umuhutu amutuma uwundi)
Hari Abacanwa muri Tanzania,ukabona Tanzania ibahaye Uburundi ngo abe aribwo bubashikiriza Urwanda, Murazi impamvu Tanzania itabaha Urwanda? Bazi ubwenge!
CNDD FDD ikigiye ku butegetsi muri 2005 harya Abahutu babanyarwanda barishimye cane,bari bazi ko Leta ya Nkurunziza izobafasha nabo bakagwanira agateka kabo,bagataha iwabo bave muma shamaba ya Congo,ariko bibagirako ata Muhutu akiza uwundi! Bibagirako uwushaka umuhutu amutuma uwundi!!
Guhera myaka ya 2008 hari aba Generals babarundi tutarinze kuvuga bakoranye na FDLR mw’ibanga ntangere,babazanira inzahabu bakzibashorera kw’isoko mpuza makungu kuko FDLR bitari gukunda, hama bagaca babagurira ibirwanisho kandi vyacanwa mu Burundi bikinjira Congo. Ariko naho vyarukwo ntikwari ukubafata Mumu gongo oya ,yari ama dili yabo bwite! Gusa bishimikiza ibibanza barimwo muri Leta,Kandi Nkurunziza ntiyari kubadyogorana ngo ababuze!
N’urupfu rwa Erneste Manirumva rwazananye ngoho mumatohoza yariko arakora.
Ejo bundi Ndayishimiye ashitse ku butegetsi igikorwa cambere yashikiyeko kwabaye kurasa aba FDLR bari mu kibira hariya muza Cibitoke,Urwanda narwo rumuha Abantu badashika 40 ngo ni abarwanyi ba RED TABARA rwafashe,ubucuti burakomera hagati ya NEVA na Kagame,ariko bwamaze umwanya urume rumara,nizo mpamvu tubabwirako ubucuti bwobo aba ari ubw’uburyarya gusa!
Imipaka iba irugawe kandi,mugihe gito batangura gusekanira muri Congo!
Tugarutse rero kukikibazo twabajijwe ingene amatati yohera hagati yibi bihugu bibiri,
Aha umuti urama uzova mu kanwa k’Inkoho ntahandi,kuko ibindi vyose naho bazobijamwo bizoba vyabindi nyene vy’uburyarya bitazomara na kabiri.
Ukwubahana kwibi bihugu kuzova mu Ntambara,ntahandi.
Ubwami bumwe nibwatembagaza ubundi,amahoro arama azoba abonetse mu karere! Kandi uyu muti naho urura ni ngombwa uzonyobwa tu! Hari abatavyumva ko bishoboka ariko ni ngombwa bizoba naho hatazoba hagitwara Kagame na Neva!!
Ingaruka ziyi Ntambara rero zizoba nyinshi cane, Akarere kose kazoshikirwa muriyo,Urwanda na Uganda muraziko ari abadasigana! Uburundi buzobashobora ari babiri?
Namba Tanzania yobijamwo, igashigikira Burundi,vyukuri izoba ibaye Intambara mbi cane,kandi birashoboka ko Tanzania yobijamwo canke ikabirabisha amaso bivanye n’indongozi zihari!
Africa yepfo nayo irashobora kurengera iterabwoba rya America iriko iyishirako ikaja mu Ntambara vyeruye aha Ubwami bwa Kagame na Museveni(Ubwami bw’Abatutsi)bushobora gukomvomvoka burundu!
Africa yepfo birazwi neza ko ariyo ihagarariye Russia muri Africa,Urwanda narwo ruhagarariye EU+USA muri Africa.
Hamwe South Africa yoja muntambara nyezina na M23 ya Kagame,mumenyeko hazoba hariko harwana USA na Russia kukibuga ca Congo kurya muvyumva muri Ukraine!!
Kandi na Tanzania nubwo mengo iranumye cane,burya ukoze ku Burundi uba ukoze kuri Tanzania,ukoze kuri Tanzania uba ukoze kuri Russia na China.
izi ni ingaruka mbi cane zizoshikira akarere ka Great Lakes hamwe Uburundi n’Urwanda vyokozanyako vyeruye!!
Impanuro notekerera abarundi bene wacu rero,ndiko ndaraba ndabonako abenshi muri mwe mengo murashaka ko Urwanda rutsinda iyi ngwano kugira CNDD FDD ibaveko,kandi mu vy’kuri ntakintu nakimwe yigeze imarira Uburundi. Ariko naho biruko,mutandukanye neza CNDD FDD n’Uburundi! CNDD FDD impera n’imperuka izovaho,ariko Uburundi ntibuzigera buvaho kugeza ku mpera y’Isi. Nico Gihugu muzoraga ababakomokako,Nico Gihugu cabavyaye,ni mugihe urundo rwanyu mu bihe nkibi kirukeneye!!
Namba wanka CNDD FDD ntibigutume wanka Uburundi bw’akwibarutse!! Kandi ibi ndababwiye Abarundi bose,Amoko yose! Ntimizishime ngo Kagame atsinze ngo Kubera ari umututsi ngo muzoca mworoherwa,kanatsinda abo ba DD mbona ataco babatwaye mwebwe,uwahuye ningorane ni umuhutu mwenewabo! Ariko ntibizomubuze kurwanira igihugu!!





Recent Comments