Nigiki Kleria avuga k’urukundo rwiwe na Stikk?

0

Kleria umukunzi w’umuririmvyi Nyeniteka Allegre Delice benshi bazi nka Sikk yagize ico avuga k’urukundo rwiwe n’umukunzi wiwe Stikk.
kleria et stikk
Nkuko yabimenyesheje ikinyamakuru canyu Ubmnews.com mu kiganiro twagiranye nawe ahari mu gihugu c’ububirigi,Kleria akaba yatumenyesheje ko Stikk ari umukunzi wiwe kandi ko urukundo rwabo rubandanya gutera imbere uko bukeye uko bwije,Kleria akaba yabandanije atumenyesha ko ngo nubwo hariho abantu babandanya bamubira yuko yomuheba Stikk kuko ngo yoba amubesha,Kleria avugako guhebana na Stikk atari uno munsi,ejo canke hirya yejo ati Stikk nzomukunda gushika gupfa.
kleria 1
Twobamenyesha ko Kleria aba mu bubirigi muri kino gihe,akaba asanzwe avukana n’umuririmvyi 19th.