Boko Haram nyuma yo kwica abantu barenga 3000 uno mwaka, ubu hoho ivyo bariko barakora biteye ubwoba

0

Ikibazo c’ababanyeshure amajana abiri banyuruzwa na Boko Haram haraheze amezi abiri, gisa n’icananiye Reta. Ubu bwamwe bibaza ko abo bana banyurujwe boba baragandaguwe.

Reta ya Nigeria isa niyananiwe kugarukana ba banyeshure banyuruzwa na Boko Haram ,hagati aho ibitero biguma vyongerekana mu bice bitandukanye vy’igihugu aho abashika 2000 bamaze kwitaba Imana guhera mu ntango z’uyu mwaka.

Muri kino gihe ntazindi nkuru zivugwa mu binyamakuru atari abo barwanyi ba Boko Haram. Umwe mu barongoye ishirahamwe ry’abafise ibinyamakuru agira ati “ubwa mbere hariho icizere ko ba banyeshure boba bakiriho ariko ubu icizere gisa n’icaheze kuko Reta n’amakungu asa nayananiwe, nta makuru namwe yerekana ko hoba hari n’ibiganiro vyoba biriko biraba kugira abo bana bagaruke”.

Mu ndwi iheze naho abanyagihugu barenga ijana barasize ubuzima mu gitero cakozwe n’abarwanyi ba Boko Haram mu turere twa Gwoza ,muri reta ya Borno (mu buraruko bushira ubuseruko ), abakenyezi bashika 20 nibo banyurujwe n’uwo murwi w’abarwanyi hafi y’igisagara aho abo banyeshure bari banyururijwe n’uwo murwi nyene.

Ico gihe, abanyanigeriya nabo mu karere ko mu bumanuko abenshi ari abakristo, naho badasanzwe barakozweko cane n’intambara ntibanyegeza ukwinuba reta ntibakiyizeye kandi amatora yo mwaka w’2015 yegereje .

Abanyanigeriya ubu rero bafise ubwoba bwo kubona ko umwanya uwari wo wose ko ivyabaye mu mwaka w’1962 -1965 bishobora gushika, kuko ibihe barimwo nisa n’ivyo aho igisirikare catembagaje ubutegetsi ku wa 15 nzero umwaka wa 1966.

Sources : Igihe Burundi