Muri Nigeria abakobwa bakunze kwambara uduhuzu tugufiya cane mumashengero bongeye kugabishwa, aho n’inyuma yaho mu mezi 2 aheze bashizeho itegeko rizoza rirahana abo bose biyambika uduhuzu tugufi cane, aho kugeza ubu ino ngeso biboneka ko yagabanutse ariko nubwo biriko abaromgozi bo babandanya bagabisha abo barongoye.
Nkuko ano makuru yemezwa na kimwe mu binyamakuru bikorera muri Nigeria ” Nigerian Online ” bo batangaje bavuga ko inyuma yaho ririya tegeko risohokeye, abakobwa batari bake ryarabakozeko aho ngo benshi bahinduye uko bahora bambara mu rwego rwo kwirinda ko vyobaviramwo ingorane.
UBM News reka tubibutse ko mu munsi yahera, abarongozi bamashengero yo muri Nigeria basohoye itegeko ryavuga ko bagiye kuzoza barahana abo bakobwa bose bambara impuzu zitikwije aho mbere bemeranije ko bagiye gukorana ninzego zumutekano wico gihugu.
Recent Comments