Muri Nigeria ingeso abakobwa bari bamaze imisi badukanye yo kuja mu rushengero bambaye impuzu ngufiya, ikomejwe kwiyamirizwa na benshi aho kugera ubu abakozi b’Imana bafatanije n’inzego z’umutekano bavuga ko bagiye kuzoza barahana abo bose bagenda gusenga bambaye impuzu ngufi.
Nkuko ino nkuru tuyikesha ikinyamakuru gikorera muri Nigeria, bo bavuze ko abakobwa baba mugace ka ” Lagos ” yuko kenshi mukuja gusenga bagenda bambaye impuzu ngufi cane bityo bigatuma abahungu baba bari murusengero badashobora gukurikirana ikiba cabajanye ikindi naco ngo ni ukutubaha ahantu baba bari kuko ngo uravye aba ari ahantu hiyibashe bityo ngo kuja gusenga bambaye nkakuriya bisa naho bopfuma bigumira mu rugo.
Kwiyamiriza zino nyambaro sibwo bwambere bibaye muri Nigeria kuko ngo bama bavuze ariko abakobwa bamwe na bamwe baguma bica amatwi bakarenga kumategeko, ubwo guhera ubu umwanzuro wafashwe n’abayobozi bamashengero ndetse bafatanije ni nzego z’umutekano, nuko ubu bagiye kuzoza barahana abo bose begenda bambaye impuzu zitikwije.
Recent Comments