Umuntu mukorana afise ingorane y’isuku rike nko kunuka mu kwaha aboneka nk’indoto mbi mu biro iwanyu.Mbega twokora gute kugira dusangire ubwo buzima bw’akazi n’uwo muntu afise akamoto kabi ?
Ng’izi impanuro :
Ibice 32 kw ’ijana vy’ abakozi bo mu biro babona ko iyo hari umuntu mukorana afise akamoto kabi mu kwaha ngo n’inki ndoto mbi nk’uko twabivuze.None umuntu yokwifata gute imbere y’iyo ngorane ? Ibintu nk’ivyo rero kugira ubitorere umuti bisaba ubwitonzi bwinshi cane n’ubwenge kugira ntubabaze mugenzi wawe.
Kugira rero umwumvishe ukuntu ukwo kunuka kwiwe ko kubabuza amahoro ,nimwirinde nko guca mushira ku meza bimwe bisiga mu kwaha bimota twita “deodorant” imbere y’uko ashika ku kazi canke ngo kumwandikira ubutumwa buca ku buhinga ngurukanabumenyi akabusangako bikamubabaza cane .
Alexandre Dubarry umuhinga akaba yarananditse ubu buryo bw’ukuntu wobwira umuntu ko anuka mu kwaha aratwereka urufunguruzo rwo kubikora kugira ivyo bintu bihinduke mu bugwaneza.
Imbere ya vyose utegerezwa kumenya mbega uwo muntu yoba abigira kugira acokoze,canke kugira yikumire canke ntazi ko niyo ngorane ayifise,canke ugasanga n’indwara arwaye ?Mbega iyo ngorane umuntu yoyitorera inyishu gute ?Utarinze ku mubaza ubwo nyene banza wiyumvire inyishu yoguha iyo ari yo ?
Mumaze gutahura iyo ngorane ni mwishire mu kibanza c’uwo muntu hama muganire.Guma mutekanye hama umusabe ko mwobonana ahandi Atari mu biro aho abandi mukorana batabibona ahantu muvuga atakibumva.Amajambo rero kizira kuvuga ni nka :
Uranuka ,biranduhishishije mu biro haranuka ndarushe no kwumva umunuko wawe
Aho niho wavuga gurtyo n’ukuri bitazohera mushwanye atanico mwashitseko..
Ahubwo tegura akajambo kibanze aho kushoka ududurirako ico wari umukenereye
Ukamubaza uti uremeye ko tuvugana ibintu bitanezereje na gato ngomba ndakubwire bimbujije amahoro ?
Ndashaka ko tuvugana ikibazo kindaje ishinga wonyemerera ko tuganira ?
Uremeye ko tuganira tubwizanya ukuri ata kurya umunwa
Birakenewe cane ko ukoresha amajambo meza aho gutukana canke ukamusuzugura kandi n’ukuguma utekanye uraba ingene yifashe.
Kumwereka ko mufatanije kugira mutore inyisho y’iyo ngorane
Ubundi buryo wokoresha kugira uwo mukorana ahindure ingendo n’igihe umubwiye ngo ni gute umuntu nkawe asa neza gurtyo,yifata neza,akunda akazi nk’awe ashobora kuba atumva ingene agora abandi kubera ako kamoto kabi kawe.
Inyuma ya vyose mwereke ko ushaka kumufasha .Mwereke ko ushaka kumufasha kandi umutahure kuko namwe usanga muhora muhura n’ingorane y’akamoto kabi rimwe rimwe
Recent Comments