UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye ndetse bakibuka n’ababagarukiyeko igihe bari bagowe ! Soma hano wunve

UBM News ads

Habaye umwigeme w’impumyi yashavuzwa cane n’ukuba ari impumyi. Uwo mwigeme
yanka abantu bose kiretse umusore umwe yamukunda cane. Uwo musore yama
iruhande ya wa mwigeme amufasha yongera amuhoza.

Wa mwigeme abwira wa musore ati: ” Hamwe nosubira kubona, noca nkwemerera
tukubakana”.

Umunsi uri izina, wa mwigeme aronka ingabire y’amaso abiri. Bamukuyeko
ibitambara vyari bimupfutse mu maso, aca abona ibimukikije vyose, harimwo
na wa musore yamukunda. Uwo musore aca abaza wa mwigeme ati: ” Ubu none ko
ubona, wonyemerera tukubakana?”

Wa mwigeme aravye wa musore asanga ni impumyi, ntiyashobora no kwihangana
abonye ibigohe vy’amaso vya wa musore bifatanye. Ntiyari yiteze ko umusore
amukunda ari impumyi. Yiyumviriye ko ubuzima bwiwe bwose azoguma abona
ibigohe vy’uwo musore vyugaye, yaciye amuheba, ararahira ko
adashobora kwubakana na we.

Wa musore amosozi amutanga hasi, ava hasi aragenda. Haheze iminsi mikeyi,
wa musore yandikira ikete wa mwigeme amubwira ati:” Mukobwa nakunze, ayo
maso yawe urayabungabunga kuko imbere yuko aba rwawe yari rwanje.”

Nguko uko ubwenge bw’abantu bukora iyo ibintu bihindutse bakamererwa neza.

Ni abantu bake cane bibuka iyo bavuye, bakibuka n’ababagarukiyeko igihe
bari bagowe.

UBUZIMA NI INGABIRE

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yuko uvuga ijambo ritaroranye, uribuka
ikiragi kidashobora kuvuga n’ijambo na rimwe.

Imbere yo kwinenaguza indya ngo ntiziryoshe, ibuka urya muntu ataronse na
dukeyi afungura.

Imbere yo kwidogera umugabo wawe canke umugore wawe, ibuka urya muntu ariko
aratakambira Imana ngo imuhe uwo bubakana.

Kuri uwu munsi uri hejuru, imbere yo kwidogera ubuzima urimwo, ibuka urya
muntu Imana yahamagaye akiri muto.

Imbere yo kwidogera uruvyaro rwawe, ibuka urya muntu yipfuza ibibondo atari
bubironke kubera ukutavyara.

Imbere yo kurakara ngo inzu yawe ntikubuye, ibuka barya bantu bose batagira
aho baba barara rubunda mu mabarabara.

Imbere yo kwijogota ngo wagenze urugendo rurerure n’imodokari, ibuka urya
wundi muntu ahagenda n’amaguru.

Ni wumva urushe kubera akazi wakoze, imbere yo kwidoga uribuka birya
bishomeri bitagira akazi, barya bamugaye badashobora gukora na barya
bipfujije akazi nkako kawe ariko ntibakaronke.

Imbere yo gutunga urutoke mugenzawe umwagiriza ibi na biriya, uribuka ko
ata n’umwe ari umutagatifu kuri iyi si kandi ko twese tuzocirwa urubanza
n’UWATUREMYE gusa.

Ukaramuka usagirijwe n’ivyiyumviro bigutera kwihebura, uragumana akamwemwe
mu maso, ushimire imana ko ukiriho.

Imbere yo gusezera, nimba ubona ko ino nkuru hariho abandi yogirira akamaro, yigire ” Share kuri Facebook ” n’abandi bayisome wongere uyirungikire abagenzi hamwe ni ncuti zawe.

IMANA IGUHEZAGIRE MWESE

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments