UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nguyu wamukobwa yahoze ari umusambanyi ariko mu nyuma agakizwa, ibintu yavuze uvyunvise biratangaje

Umukobwa twovuga ko yari Indaya yambere kwisi kuko yari yarihebeye ubusambanyi , ubu Imana yamukoreye Ibitangaza kandi ubuzima bwiwe bwahise buhinduka bivanye nuko Ijwi ry’Imana ryamujeko.

umukobw-yakijijwe

Nkuko hari ikinyamakuru kizwi kwizina rya ”Religiously incorrect” catangaje ino nkuru, bo bavuga yuko uno mukobwa mu buzima bwiwe yuko yarazi kw’atamuhungu numwe azokwemera ko bokwubakana bivanye nuko yaciye m’ubusambanyi bwinshi, ikintu we ubwiwe yahise akora ngo yaciye aja kwamuganga kugirango bamwugarire igitereko (WOMB ) cokutazokwigera avyara mu buzima.

Uyu mukobwa yaje kuronka ubuhanuzi buva kubantu batandukanye bamusaba ko yohinduka akava mungeso mbi z’ubusambanyi ahubwo agahitamwo guhebera ubuzima bwiwe Umwami Yesu, vyaragoranye cane kugira akizwe ariko kugeza ubu vyarakunzwe kuko kano kanya ubuzima bwiwe bwose yarabuhebeye Yesu kugirango abe ariwe amuyobora.

Uyu mukobwa amaze gukizwa, umusi umwe Pastori yaramuhamagaye aramubwira ati ” IMANA YAVUGANYE NANJE KO ARIWE UZOMBERA UMUGORE ” nshaka ko twubakana tukaba umugore hamwe n’umugabo, Uwo mukobwa yaratwenze cane hanyuma aramusubiza ati ”REKA KUBA MWIGIRA ABASENZI, IMANA NTABWO YAKUBWIYE UKO, AHUBWO NGIRANGO WAYUNVISE NABI ” uwo mukobwa yabandanije amubwira yuko atipfuza kurongorwa n’umugabo numwe ariko wamu Pastor yaragarutse yongera amubwira kwakundi nyene ati : IMANA YAVUGANYE NANJE KO ARIWE UZOMBERA UMUGORE ” uwo mukobwa yongeye kunva ayo majambo yahisemwo kumubwira ubuzima yabayemwo atarakizwa aho yagize ati :

” NARI UMUSAMBANYI BIMWE BIRENZE URUGERO NTARAKIZWA ” uwo Mu Pastor yaramubwiye ati ; Niwibagire ivyo wakoze vyose kuko biza vyararenganye, uwo mukobwa yaramusubije ati : Kuvyibagira koko novyibagira ariko ” NIGITEREKO CANJE KWAMUGANGA BARACUGAYE ubwo naho twokubakana ntamwana twoshobora kuvyarana.

Ako kanya nyene uwo mu Pastori yahise anuma ntiyongeye kuvuga ijambo narimwe, bimwe yariko aravuga ngo ivyakera biza vyararenganye ntiyongeye kubivuga, munyuma yaho umu Pastori vyari birikumwe yahise amubaza ati ” NIVYUKURI IMANA IRACABANDANYA IVUGANA NAWE ?? ” nuko aramwishura ati : ego Imana ibandanya imbwira yuko uwu ariwe mugore wanje tuzobana ubuzima bwose. Inyuma yivyo vyose barabasengeye barabana ariko icabatangaje nuko munyuma uwo mugore yaje gutwara inda kandi igitereko ciwe cari carugawe .

Uwo Mukobwa hamwe n’umugabo wiwe bagiye kwamuganga, Doctor yamwugariye igitereko amubonye we yibajije yuko yoba aje kuwundi mupango ariko siko vyari bimeze kuko umukobwa yahise amubwira ko ubu yibugenze ndetse ko mu minsi azoba afise Umwana. Doctor yarazazaniwe cane aramubaza ati” wewe wambwiye ndakugare igitereko cawe kandi ndabikoze nkuko bikwiye ariko ubu ndatangara kunva wibungenze !!! ako kanya uwo mu Doctor nyene yibaza yuko Mukumwugara ko yoba yabikoze nabi ariko uwo mukobwa yaramwishuye ati ” KUBWUBUSHOBOZI BW’IMANA, HAMWE NO KWUBWITANGAZA VYIMANA HAMWE NUKWIZERA NFISE NICO GITUMA NIBUNGENZE .

Icirwa kiri murino Nkuru : Kumana yo mw’ijuru vyose birashoboka kandi yo ubwayo niyo ishobora guhindura Umuntu, Ushobora kwibaza yuko Imana iteba kwishura ariko burigihe yishurira kugihe cayo .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments