Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNews Nguyu uwishe ba babikira batatu, igipolisi camufashe, wunvise impanvu yicatumye abica...

Nguyu uwishe ba babikira batatu, igipolisi camufashe, wunvise impanvu yicatumye abica iratangaje !

Igipolipolisi cafashe mu bugucagucagu bw’uyu wa kabiri uwishe ba babikira batatu b’abataliano muri Paroisse Kamenge. Nguku uko vyagenze.

Mu kiganiro umuvugizi w’igipolisi yahaye abamenyeshamakuru Hermenegilde HARIMENSHI yamenyesheje ko kubera ko igipolisi cari casavye abanyagihugu gufasha mu matohoza mu gutanga inkuru kuri ico cose biketse, hari umunyagihugu yabonye umuntu ariko aragurisha telephone irimwo ama messages yanditse mu gitaliyano, bimutera amakenga, amubajije aca amubwira ko yayiguze kuwitwa Christian Claude BUTOYI. Uyo munyagihugu yahavuye atanga iyo nkuru ku gipolisi.

Igipolisi caciye kirondera uwo Christian Claude BUTOYI, kiza ku mufata isaha indwi z’ijoro, mu Mirango muri komine Kamenge nyene.

Uyu niwe Christian Claude BUTOYI.
Amaze gufatwa yaciye ajanwa kuri Commissariat y’igipolise PJP kugirirwa amatohoza. Nguyu umwidondoro wiwe, nkuko we nyene avyivugira : Christian Claude BUTOYI, yavukiye muri Komine Kamenge, mu nyuma aja kwiga muri Congo, hanyuma agaruka mu Burundi, mu Kamenge.
Ariyemerera ko ariwe yabishe, igipolisi kimubajije yishura n’agashinyaguro : “ Narabagiriye ivyamfurambi hanyuma ndabica”
Igipolisi kiti kubera iki wabishe ? Nawe ati : “ Kubera ko ari abanyamahanga, bari mwitongo ryanje, nategerezwa kwihora”.
Bati none muri iyo myaka yose ko utigeze witura ababijejwe ngo bagutunganirize ? Nawe ati : “Sinari bwaronke umwanya hari vyishi narimwo, ubu niho nari nawuronse, ariko kari kabaye nategerezwa kubica”

Mu bimenyetso vyerekana ko yoba ariwe yakoze ibara, harimwo iyo telephone ngendanwa irimwo aba ubutumwa buri gitaliyano, hamwe n’ubundi butumwa umubikira mwene telefone yari yamye yandikiranira n’abandi babikira. Ikindi ni ibuye ririko amaraso yakoresheje mu kwica abo babikira.

Ikindi ni urufunguruzo yakoresheje mu kwugurura agarutse kwica umubikira wa gatatu, urunguruzo rwanditseko “2 Hospiti”. Uwo yafashwe bamubajije avuga ati : “ Jewe maze kwica babiri ba mbere naciye ntwara urufunguruzo kuko nategerezwa kugaruka kwica abandi kuko narinzi ko hari ababikira bane”

Nayo kukibazo c’uko uwo yakoze ivyo yoba agwaye mu mutwe, umuvugizi w’igipolisi avuga ko bobo babonye ivyo avuga vyose abitondeka neza kandi ivyo yavuze aravyibuka neza, akabisubiramwo. Gusa ngo bobo bakora amatohoza, hanyuma abaganga nibo bazomupima hanyuma bemeze niba akomeye canke adakomeye, maze ubutungane bubikorereko.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments