Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsNguru hano urutonde rw'abantu ba mbere b'ibihangange bafise ububasha bukomeye gusumba abandi...

Nguru hano urutonde rw’abantu ba mbere b’ibihangange bafise ububasha bukomeye gusumba abandi kwisi

Ikinyamakuru Forbes buri mwaka kirakora urutonde rw’abantu babaye abambere muri iki canke kiriya.Ico kinyamakuru caraye gisohoye urutonde rw’ibihangange 72 bivuze atawusubizayo muri uyu mwaka(2014).Kuri urwo rutonde hariko abanyafrika 2 gusa.

Urwo rutonde rukorwa baravye ubukomezi umuntu afise bivanye naho ari kandi mubice vyose haba muri politike,ubutunzi,abarongoye ibihugu,abakinyi eka n’ibindi bisata.Kuri urwo rutonde rurongowe na Vladmir Poutine arongoye igihugu c’uburusiya biboneka ko umugabane wa Afrika uri inyuma cane kuko habonekako abantu babiri gusa,abo nabo ni:Abdel Fatah Al sissi w’imyaka 51 arongoye igihugu ca Misiri hamwe na Aliko Dangote w’imyaka 68,umutunzi wo mugihugu ca Nigeriya.

Twashimye kubereka ibihanange 10 vyambere biboneka kuri urwo rutonde:

1. Vladmir Putin(perezida w’uburusiya)

2. Barack Obama(Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika)

3. Xi Jinping(perezida w’ubushinwa” China ” )

4. Papa Francis(Umukuru wa Ekleziya Katolika)

5. Angela Merkel(chanceliere w’ubudage)

6. Janet Yellen(umuhinga mu bijanye n’ubutunzi)

7. Bill Gates(Umutunzi akomeye muri leta zunze ubumwe za Amerika)

8. Mario Draghi(Umuhinga mubijanye n’ubutunzi)

9. Sergey Brin na Larry Page(bashinze urubuga rwa Google)

10. David Cameroon(Umushikiranganji wambere w’Ubwongereza)

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments