Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsNguku hano uko ibirori vyo kwibuka Cypriyano Ntaryamira vyagenze

Nguku hano uko ibirori vyo kwibuka Cypriyano Ntaryamira vyagenze

Iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe mu gushira imbere’’ discipline ‘’ mu mice yose y’igihugu, impari zihari muri kino gihe zijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ntizari kuba zihari, bishikirizwa na Sylvestre Ntibantunganya yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 6 Ndamukiza, niho abarundi bibuka imyaka 21 umukuru w’igihugu c’Uburundi Cypriyano Ntaryamira, yitavye Imana ahitanywe n’isanganya. Ibirori vyo kwumwibuka vyatangujwe n’inkuka y’imisa yabereye kuri cathedrale Regina Mundi, ibirori vyabandanirije ku ntatemwa yiwe. Inyuma yo kuvuga ubuzima bwiwe, umukuru w’igihugu n’umupfasoni wiwe Denise Nkurunziza, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, imiryango y’uwo muhisi , abo basangiye urugamba , n’imigambwe baciye bashira ingori z’amashurwe kuri iyo ntatemwa.

Haciye hakurikira ijambo umuhisi Ntaryamira Cypriyano, yashikirije agiye ku butegetsi aho yahamagarira abarundi kugira ‘’discipline’’, muri vyose mu ntwaramiheto, mu mashure, ku kazi, mu migambwe, mu ntwaro, mu Burundi bwose, aho yasaba abarundi kwubahana mu kwubahiriza amategeko n’agateka ka zina muntu.

Sylvestre Ntibantunganya, umwe mu bo bagendanye na Ntaryamira, avuga ko ijambo ryiwe rigifise akanovera no muri kino gihe, mbere risa nirituma agatoke abarundi. Ku bwa Sylvestre Ntibantunganya, ‘’discipline’’ bisigura kwubaha amategeko mu kuyakurikiza ku neza ya bose, kuva ku mukuru gushika ku muto.

Sylvestre Ntibantunganya abandanya avuga ko iyaba iragi rya Ntaryamira ryarubahirijwe ,impari ziriho muri kino gihe ,zitari kubaho. Aratanga utundi turorero twerekana ko iragi rya Ntaryamira ritariko ryubahirizwa, aha avuga nko mu mashure abana bigurisha kugira baronke amanota, mu bacuruzi abagenda kurondera amasoko batanze igiturire muri Reta, aho gutanga amakori, abamenyeshamakuru basunikwa n’ivya poritike bagashikiriza amakuru badafitiye ivyemezo. Mu mashengero, abapfa uburongozi , abasitanteri bima indangamuntu abanyagihugu kuko badasangiye umugambwe n’ibindi.

Ku bwa Leonce Ngendakumana nawe umukuru w’umugambwe wavamwo, Cypriyano Ntaryamira nawe nyene asaba ko bogumya iragi rya Ntaryamira ‘’discipline’’, ku gihugu naco n’uko dosiye yiwe yosubira kuvugwa kuko mu rupfu rwiwe harimwo igipfungu , ukuri ku kamenyekana.

Tubibutse ko Cyprien Ntaryamira yagiye mu mabanga yo kurongora igihugu c’Uburundi, inyuma y’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, mu mwaka w’1993.

SRC ; Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments