Umuhungu iyo agiye gusaba urukundo akenshi aba afise ubwoba bw’uko bashobora kurumwima ndetse bigatuma hari n’igihe ahitamwo kwinumira ntasabe urukundo akemera kunumirirayo. Mu rwego rwo kwirinda kumaramara, hano kuri UBM News dushimye kukubwira amayeri 3 wokoresha usaba umukobwa urukundo m’ubwenge kuburyo abura aho ahera aguhakanira.
1. Kubanza ukimenyereza umukobwa gake gake kuburyo mu girana umubano ukomeye, mugahamagarana kuri Telepehone ndetse mukanatemberanira. Igikwirikira munyuma wewe umusaba ko uwo mubano wanyu mwowita izina. Ico gihe we ashobora gucagura ko uwo mubano mwowita urukundo canke ubugenzi busanzwe, iyo avyise ubugenzi busanzwe aba akwimye urukundo mu bwenge kugirango ntumaramare canke ngushavure.
2. Aho kumubarira ko umukunda ahubwo urabihindura ukamubwira ko ari umuntu wingirakamaro kanini cane mu buzima bwawe ko akurutira abandi bakobwa bose. Ukamubwira ko hari umwanya ukomeye afise mu mutima wawe kandi ko ariwe wenyene atawundi. Iyo umubwiye gutyo abura aho ahera aguhakanira.
3. Amayeri ya gatatu ni ukubwira umukobwa ko wipfuza ko mwogerageza gukundana no kwitwara nk’abantu bakundanye mukaraba ko bishoboka, ukamubwira ko bishobotse mwobibandanya ariko bidashobotse ko mwoca mubihagarika vyihuta kuko urumva mwoba mwabonye ko mutoshoborana mu rukundo . Ico gihe umukobwa iyo umubwiye nkuko arakwemerera kuko aba yiyumvira ko ataco ari buhombe, kandi iyo yamaze kukwemerera ashiduka yagukugunze kuburyo kugira ngo asubire inyuma avuge ko bidashoboka usanga bigorana cane.