Ngozi: Uwahora yunguruza abantu n’imodoka yishwe n’imodoka iribwa

0

Umugabo azwi kw’izina rya Moussa Nsabiyaremye yahora agendesha imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Probox yarishwe n’imodoka iribwa n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuw’ Imana igenekerezo rya 12 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.

Nkuko amakuru ava mu ntara ya Ngozi abimenyesha, Moussa Nsabiyaremye yarashwe nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice n’abantu bigize abadandaza,hari ku musozi Kibezi,muri komine ya Kiremba,intara ya Ngozi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko umuntu umwe yamaze gufatwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza ,akaba ariko abarizwa mu gasho k’igipolisi.

Amatohoza yamaze gutangura kugira abishe uwo mugabo bamenyekane hamwe n’iyo modoka ifatwe.