Ngo vyoba vyiza Reta igiraniye ibiganiro n’Abanyapolitike batavuga rumwe.

0

Léonidas NIJIMBERE asanzwe arongoye Umugambi wo gutsimbataza amahoro, kunama yagiranye n’abanyamigambwe batari bake hamwe nabarongoye amadini hamwe nabarongozi barongoye Igisirikare  hano mu Burundi yarashoboye kubabwira y’uko ibiganiro arivyo vyonyine bishobora gukura Uburundi mumuriro burimwo.

L2

Yongeye ababwirako ibiganiro arivyo kurubu bikenewe kugira ngo Uburundi buve mumango, ngo kuko ibiganiro nivyo vyonyine bishobora kwerekeza Uburundi munzira ishika abarundi nabene Burundi bagasubira kubana ngo nkaho hambere.

fans

Tumubajije kukibazo kijanye n’abanyepolitike bahunze Uburundi yatwishuye ati: kubona umuntu ahunga bisigura ko umutekano wiwe uba utifashe neza ngo kuko ntawushobora guhunga amahoro ngo kubona barahunze bisigura ko umutekano wabanyepolitike kutifashe neza nagato ngo igikenewe rero sikindi ngo nibiganiro vyoshobora kubahuza bakaja hamwe bakayaga kugira bashike kunzira irama.