Ngo ivyavuzwe na Gélase NDABIRABE birabonekako CNDD-FDD yataye umutwe.

0

Mw’itangazo Gélase NDABIRABE yasohoye kuruyu wagatatu ngo biraboneka ko umugambwe uri kubutegetsi wataye umutwe, ngo mukwifatira mugahanga amakungu ariyo yahora afasha Uburundi, ngo abantu iyo bataye imitwe ntibabona iyo baba bariko baraja kandi ngo ntibashobora nokubona ivyo bashobora gukosora ngo babikosore.
5
Audifax NDABITOREYE akaba yasubiye kuvuga kukibazo cerekeye imfanshanyo yahagaritse ku Burundi yahora itangwa n’amakungu ngo nakamaramaza kubona Reta yaduka ikavuga ko izoshobora kubaho atamfashanyo ikoresheje yohanze, akabandanya avugako kuva nakera narindi uburundi bwari bubayeho bukoresha imfashanyo yohonze.
Audifax NDABITOREYE avugako kubona Uburundi bwishimira ibihugu vy’ubushinywa “chine” hamwe n’ubu Russia ngo ivyo ntivyari bikwiye mugufasha abene Burundi, ngo ibi vyerekanako abari kubutegetsi bariko bakora bashaka inyungu zaba badashaka inyungu y’umunyagihugu.
Akaba yarangije avuga yuko umutegetsi mw’iza suwukora ashaka kwitezimbere ahubwo umutegetsi n’uwukora kugira azosige icibutso kugira azobe yibukwa nkabandi bategetsi bose bahora bibukwa.