Ngo Amazi Y’Uburundi Harico Yofasha Mu Kunagura Ubutunzi?

0

Mu gihe buri mwaka kwigenekerezo rya 22 Ntwarante hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe amazi,ishirahamwe PARCEM rimenyeshako abahinga berekanye kw’amazi menshi igihugu gifise yotuma igihugu kironka inyungu nyinshi .

Ishirahamwe PARCEM rivuga ko igihugu cohungukira amazi akoreshejwe nk’uko vyategerezwa ari nk’ibijanye no kuronka umuyagankuba,kwama haba igikorwa co kurima buri mwanya ,kuronka abakirarugendo murico gisata kuko igihugu gisanzwe gifise amazi menshi y’amashuha.

Faustin Ndikumana, Umukuru w’Ishirahamwe PARCEM

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamkuru umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yashikirije ko amazi igihugu c’Uburundi bufise ari menshi ariko hariho ugusamara bigatuma ubwo butunzi igihugu gifise budakoreshwa kugira hanagurwe ubutunzi hamwe n’ubuzima bw’ibisata bitandukanye bw’igihugu.

Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ukwo kutitwararika ubwo butunzi bw’amazi igihugu gifise bimaze kugira ingaruka mbi ku gihugu nk’ukubura umwimbu mwiza w’amafi ava mu kiyaga kubera imicafu itabwa mu kiyaga,kubura ibiti mu gihe mu bindi bihugu buri mwaka haterwa ibiti bikiyongera.

Muriryo shirahamwe basaba ko abarongozi b’igihugu bohagurukira rimwe kugira ubutunzi bw’amazi menshi igihugu gifise bukoreshwe gutyo akuyuko kaboneke haba ku gihugu no kubanyagihugu.