Abenshi mu bagore co kimwe n’abagabo baribaza Position yoba nziza gusumba kugira abagore babashe kurangiza neza mu gihe bariko brakora imibonano mpuzabitsina, ariko akenshi ntibaronka iyo nyinshi kubera usanga abantu bamwe bafise uko basangiye uburyo baranguramwo iryo abanga bandi nabo bakaba basangiye ibindi.
Mu bushashatsi bwakozwe dukesha urubuga Santeplusmag rw’abafaransa, bwerekana ko hariho Position zitatu zemezwa n’abagore bakozweko akatohoza, zibasha gufasha benshi kugira ababashe guheza neza kandi bitabagoye.
Position yitwa Andromaque yatowe ku bice 35%, La levrette ku bice 25% hamwe na Missionaire ku bice 23%. Hakaba kandi haranabonetse izindi nka la Cuillere na Cavaliere vyatowe ku bice 5% hamwe na Sodomie yatowe ku bice 4%.
Uno musi nashimye kuvuga imwe, ariko mubandanye mukurikirana uru rubuga, tukazobabwira vyinshi kuri izo Position zose uko ari zitandatu. Imwe muri izo twashimye kubabwirako ni Andromaque.
Ikorwa Gute?
Andromaque ni Position ikorwa ifasha cane umugore kuba ariwe agenzura ibiriko birakorwa muri ico gikorwa baba barimwo muri ako kanya. Umugore aba yicaye canke afukamye hejuru y’umugabo nawe ari musi aryamye agaramye.
Iyo Position iha umugore umubasha bwo kuba ariwe amenya nimba igitsina kiri bwinjire gose, canke kigera hagati ca hagati. Aho bikavana n’ubwimbike bw’igitsina c’umugore kingana ugereranije n’uburebure bw’ic’umugabo.
Muri ico gihe, umugabo nawe ntaguma ari bigur’intege, ariko amaboko yiwe gusa niyo ababa ashoboye gukora kuko umugore aba amwifadikije, haba ku bibero (cuisse) canke ku gituza(poitrine). Arashobora gukorakora(caresse) umugore wiwe kugira ico gikorwa arimwo yumve ko nawe atari wenyene.
Ingaruka z’iyo Position
Ku mugore iyo Position, imufasha kugira ivyo yahora abwira umugabo ngo amugirire abasha kuvyikorera we nyene, kuko mu gihe yumva ariko arababa canke igitsina c’umugabo kitashitse. Arashobora kwungereza canke akagabanya bivanye n’uko we avyumva.
Ku mugabo naho, iyo Position irafashe kugira uwusanzwe afise ikibazo c’ukunyarutsa guheza bigabanuke kuko uburyo butaba ari ikirenga ngo ace arangiza ico gikorwa hakiri kare.