Inyuma y’ururirimbo n’isanamu ya “Satura Amabafle”vyakunzwe cane, Sat B ariko akora isanamu y’ururirimbo yise”Imvura y’Ibi Baby” ibonekamwo ari mu bakobwa benshi bambaye uduhuzu dupfuka igitsina n’amabere gusa.
Nta minsi myinshi iheze asohoye kwa Lizer Classic ururirimbo “imvura y’ibi Baby”, ururirimbo rutaramenyekana nk’izindi ndirimbo ziwe. Nk’uko rero umutwe w’ururirimbo ubivuga(Imvura y’ibi Baby), intangamarara y’isanamu(coming soon) ibonekamwo abakobwa benshi bambaye nk’abagira boge muri”piscine”koko baboneka bari iruhande yayo. Sat B wewe aboneka umwanya muto muri ako gace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo “Imvura y’ibi Baby”
Turiko turamurondera Sat B kugira atubwire ibijanye n’integuro y’iyo reresi izoba ibaye iya mbere kuva yiswe IKOHBOY bisigura ko ariko afatwa mu mugongo n’ishirahamwe Ikoh Multiservice.
Raba agace gatoyi k’isanamu y’ururirimbo “Imvura y’Ibi Baby”
[youtube id=”nsqpHrwruS4″ align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]
Recent Comments