Sentare isubiramwo imanza ntiyumvirije Rwasa Agathon, nk’uko vyari bitegekanijwe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, akaba yabwiwe ko yosubira inyuma, akazotumwako hanyuma. Rwasa Agathon yaciye ashikiriza ikete yandikiye umushikirizamanza mukuru akukira sentare isubiramwo imanza, aho yamwibukije ko sentare zo mu Burundi zitagira uburenganzira bw’ukumutumako kuko yahawe ubudahangarwa vy’agateganyo.
Abanyagihugu isinzi bari bazindukiye gushigikira Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, yari yatumweko na sentare isubiramwo imanza. Kw’isango yari yahawe y’isaha zitatu, Rwasa Agathon yari ahashitse, ariko akaba atinjiye aho yari kwumviririzwa, kuko yabwiwe ko yotaha, bakazomutumako hanyuma nibamukenera. Igiporisi cari cagavye, inzira yinjira ahakorera sentare isubiramwo imanza yugawe.
Raba hano Video y’ukuntu abanyagihugu bari baje kumushigikira.
Recent Comments