Ngiyi hano impamvu yatumye icibutso c’umuririmvyi yatsindiye Isanganiro Awards gisamburwa

0

Icibutso cubakiwe umuririmvyi N John kurasiturwa kw’ubw’itegeko rivuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. N John avuga ko atigeze aronka amahoro kuva ico cibutso cubakwa, yahamagawe agasakisaki mw’iperereza.

Inyuma y’amezi make mu ntara ya Karuzi hubatswe icibutso c’umuririmvyi N John yaheruka gutsindira ihiganwa rya « Isanganiro Awards 2014 », hasohotse itegeko ryo kubomora ico cibutso. Ico cibutso cubatswe kwitegeko rya buramatari w’i ntara ya Karuzi aho yavuga ko bafise intumbero yo gutanga akarorero k’urundi rwaruka kugira rukure amaboko mu mpuzu rukore, hari kandi mu ntumbero yo guhamagara ba rukera rugendo baja mu ntara ya Karuzi.

N John avuga ko kuva ico cibutso cubatswe atigeze aronka amahoro kuko yarahamagawe agasakisaki n’uwutwara iperereza muri intara. Yasabwa kwandika amajambo ari mu ruririmbo « Ndasavye Ijambo »rwatsinze « Isanganiro Awards » hamwe no gutwara urwo ruririmbo kuri « CD » hamwe no gusigura igituma yambara impuzu ririmwo ibendera y’igihugu. Ivyo N John yarabikoze ariko yabandanije agigwako itera bwoba. Richard Nzokinzwanimana yaramuhamagaye(N John) amubwira ko icibutso kizositurwa kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014 ariko hasohotse itegeko ko gisiturwa kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2014. Ico cibutso cari canditse ko « N John urumuri rw’umuziki, Tube umwe »hari hacafyeko bimwe mu bibanza vyerekana ubwiza bw’Uburundi.

n john

Buramatari w’intara ya Karuzi nawe avuga ko icibutso cubatswe bidaciye mu mategeko kuko bibanza guca mu nama nshingamateka.

Mwibuke ko cari kibaye icibutso ca mbere cubakiwe umuririmvyi w’umurundi kandi vyagumye bisabwa na benshi ko hokwubakirwa icibutso nk’ico, nk’uko bikorwa no mu bindi bihugu, akarorero n’umuririmvyi Stromae aherutse kwubakirwa icibutso.